IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 17 Rusama

17 Rusama

jeudi 17 Rusama 2018

Igenekerezo rya 17 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

352 : Haba itorwa rya papa Libère.
1642 : Ivuka ry’igisagara ca Montréal. Igisagara kimwe mu bisagara
bikuru vyo mu gihugu ca Canada.
1792 : Hatanguzwa isoko ry’imitahe ry’i New York bita New York Stock
Exchange( NYSE).
1814 : Hemezwa ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Norvège.
1997 : Laurent-Désiré Kabila yifatira ubutegetsi, araheza yiha ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Zaïre. Ndetse aca aragihindura n’izina acita Republika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Laurent Desire Kabila

2009: Dalia Grybauskaité atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Lituanie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1897: Odd Hassel , umuhinga muri chimie akomoka muri Norvège. Niwe
yaronse agashimwe kitiriwe Nobel ka chimie mu mwaka w’1969.
1928: Idi Amin Dada, umusirikare yabaye n’umukuru w’igihugu ca Uganda
kuva 1971 gushika 1979.

Idi Amin Dada

1982: Tony Parker, umukinyi wo murukino rwa Basket. Akaba ari
umufaransa ariko akina mwi higanwa ryo muri Amerika NBA.

Tony Parker

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1919: Valentin Landry, umwigisha akaba n’umumenyeshamakuru. Ni nawe
yataguje ikinyamakuru L’Évangeline.
1996: Johnny “Guitar” Watson, umuririmvyi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa
.Umunsi mpuzamakungu wahariwe itumatumanako amakuru n’amatororokanizo y’inkuru.
. Argentine: Umunsi mukuru wahariwe abakorera mu bwato.
. Norvège: Umunsi mukuru w’igihugu.
. RDC: Umunsi wahariwe ibohorwa.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.