IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 18 Ruheshi

18 Ruheshi

lundi 18 Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 18 Ruhenshi

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1574: Henri wa 1 w’i Pologne ava muri Pologne aja kuba umwami w’Ubufaransa kw’izina rya Herni wa 3.
1742: Benedigito wa 14 ashara Jeanne de France mu murwi w’abahirwe.
1812: Hatangura Indwano ya kabiri yo guharanira ukwikukira kwa Amerika.
1815: Haba indwano y’i Waterloo.
1946: Hatangazwa icese Repubrika y’Ubutariyano.
1953: Hatangazwa icese Repubrika ya Misiri.
1996: Benyamin Netanyahou aba umushikiranganji wa mbere wa Israël.

JPEG - 39.1 ko
Benyamin Netanyahou

2010: Umushikiranganji wa mbere wa Finland, Matti Vanhanen atanga imihoho.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1903: Jeanette MacDonald, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi
w’umunyamerika.
1916: Julio César Turbay Ayala, uwabaye umukuru w’igihugu ca Colombie.

JPEG - 93.9 ko
Julio Cesar

1918: Franco Modigliani, umuhinga muvyo ubutunzi w’umutariyano. Yahawe
agashimwe k‘ibanki ya Suède muvyerekeye ubushakashatsi mu vyubutunzi.
Bakaba bakamuhaye 1985 bibuka Alfred Nobel.
1929: Jürgen Habermas, umuhinga mu vy’imibereho mu bantu w’umudagi.
1931: Fernando Hernrique Cardoso, umunyepolitike wo muri Brésil. Yabaye umukuru w’ico gihugu kuva 1995 gushika 2003.
1941: Roger Lemerre, umukinyi w’umupiraw’amaguru,ubu akaba ari umumenyereza.
1942: Thabo Mbeki, uwabaye umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo.
Yasubiriye Nelson Mandela, araheza asubirirwa nawe na Jacob Zuma.

JPEG - 35.8 ko
Tabo Mbeki

1942: Paul McCartney, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’umwongereza.
1946: Fabio Capello, umumenyereza w’umutariyano.

JPEG - 90.2 ko
Fabio Capello

1949: Bernard Giraudeau, umukinyi w’amareresi w’umufaransa.
1975: Jamel Debbouze, umukinyi w’ivyese n’amareresi w’umufaransa.
1986: Richard Gasquet, umukinyi wa tennis w’umufaransa.

JPEG - 24.1 ko
Richard Gasquet

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1937: Gaston Doumergue, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
1971: Paul Karrer, umuhinga muri chimie akomoka muri Suisse. Yaronse
agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu 1937.
2010: José Saramago, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru akomoka muri
Portugal. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1998.

Ibihimbazwa

. Mu Cambodge: Yubire y’amavuko y’Umugabekazi.
. Mu Misiri: Umunsi mukuru wa Repubrika.
. Mu Bwongereza: Ukwibuka umunsi w’intsinzi y’i Waterloo.
. Seychelles : Umunsi mukuru w’igihugu. Bihurirana n’ukwibuka itorwa
ry’ibwirizwa nshingiro.


Luc-Nol Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.