IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 4 Myandagaro

4 Myandagaro

jeudi 4 Myandagaro 2016

Igenekerezo rya 4 Myandagaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1060: Mu Bufaransa, umwami Philippe wa 1 asubirira se wiwe Herni wa 1.

1782: Mozart agira ubugeni na Constanze Weber.

JPEG - 13.2 ko
Mozart

1903: Umu kardinare w’i Venus, Giuseppe Melchiorre Sarto atogwa kuba Papa. Aca afata izina rya Pie wa 10.

1984: Haute Volta ihindura izina yitwa Burkina Faso. Ivyo bikaba vyahinduwe n’urwego mpanuzi rw’ihinduka rwri rurongowe na Thomas Sankara uwaciye yicwa inyuma y’imyaka 3 aharitswe ku butegetsi n Blaise Compaoré.

2002: Gonzalo Sanchez de Lozada atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Bolivie.

JPEG - 14.9 ko
Gonzalo Sanchez de Lozada

2006: Mu Buganda, umurwi w’abarwanyi LRA utangazako uhagaritse imishamirano inyuma y’imaka 18 urwana igisoda c’igihugu c’Ubuganda.

2010: Muri Kenya, 72,1% c’abantu bafise imyaka 18 no kuduga bitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. 69,83% bararyemeza.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1821: James White, umwe mubatanguje ishengero rya Adventiste ry’umunsi w’indwi.

JPEG - 545.9 ko
James White

1895: Knut Hamsun, umwanditsi akomoka muri Norvège yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1920.

1901: Louis Armstrong, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’umwironge w’ikizungu witwa Trompette. Uwo muririmvyi akaba ari umunyamerika yaririmba umudiho wa Jazz.

1961: Barack Obama, umukuru w’igihugu agira 44 wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira.

JPEG - 59.7 ko
Barack Obama

1969: Max Cavalera, umucuraranzi akomoka muri Brésil.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1060: Henri wa 1, umwami w’Ubufaransa.

1990: Ettore Maserati, umuhinga mugukora imiduga akomoka mu Butariyano.


Luc Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.