IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 5 Mukakaro

5 Mukakaro

mercredi 4 Mukakaro 2018

Igenekerezo rya 5 Mukakaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1811: Itangazwa ry’ukwikukira kwa Venezuela.

1905: Alfred Deakin aba umushikiranganji wa mbere wa Australiya ku ncuro igira kabiri.

JPEG - 5.3 ko
Alfred Deakin

1962: Igihugu ca Algeriya kironka intahe yo kwikukira.

1975: Igihugu ca Cap-Vert kironka intahe yo kwikukira.

1980: Muri Mauritaniya hakurwaho ubuja.

2012: Mu gisagara ca Londres, mu Bwongereza, hinjirwa Shard London Bridge igorofa nkabakabajuru ya mbere ndende ku mugabane wa Buraya.

GIF - 418.3 ko
Londo Bridge

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1182: François d’Assise, umweranda wo mw’idini rya Katorika akomoka mu Butariyano.

JPEG - 29.1 ko
Umweranda François D’Assise

1554: Élisabeth d’Auriche, umwamikazi w’umufaransa, umugore w’umwami Charles w’ 9.

1879: Dwight Davis, umukinyi w’urukino rwa Tennis akaba n’umunyapolitike w’umunyamerika.

1911: Georges Pompidou, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 218.6 ko
Georges Pompidou

1947: Sony Labou Tansi, umwanditsi akomoka muri Congo.

JPEG - 15.8 ko
Sony Labou Tansi

1982: Alberto Gilardino, umukinyi w’umupra w’amaguru akomoka mu Butariyano.

1983: Jonás Gutiérrez, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Argentine.

JPEG - 26.1 ko
Jonas Guitierrez

Ibihimbazwa

. Argeliya: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira.

. Armeniya: Umunsi mukuru wahariwe ibwirizwa nshingiro.

. Cap-Vert: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira.

. Venezuela: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira.

. Izinga rya Man: Umunsi mukuru w’igihugu.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.