Accueil > Amakuru > ishirahamwe > AJUDC : Urwaruka rwijukiye ibikorwa vyo mu mashirahamwe rwotera (...)
AJUDC : Urwaruka rwijukiye ibikorwa vyo mu mashirahamwe rwotera imbere.
lundi 17 Mukakaro 2017
Egide IRAKOZE arongoye AJUDC(Action des Jeunes Unies Pour le Developpement Communautaire) amenyesheka, ko kubera urwaruka ruhura n’ingorane yo kubura akazi, rushoboye kwishira hamwe vyotuma rushira mu bikorwa ivyiyumviro na cane cane imyuga ruba rusanzwe ruzi bigatuma benshi baharonkera akazi.
Egide IRAKOZE yavuze kandi ko ibikorwa urwaruka rwoshobora gukorera hamwe ni nkivyo kurima,kworora ibitungwa bitandukanye,kubarira,gukora amasabuni ,gukora ingwa n’ibindi vyokorwa bigatuma imigambi yarwo itera imbere.
Egide IRAKOZE arongoye AJUDC atera akamo urwaruka rwose rufise ivyiyumviro n’imigambi ko rwokwiyunganganya, mu ntumbero yo gukorera hamwe kugiras rwiteze imbere ndetse ruronse n’akazi urundi rwaruka.
Vianney BIKORIMANA
Messages
19 Mukakaro 2017, 12:34, par IRAKOZE Egide
mwaramutse
ubuyobozi bw’ishirahamwe AJUDC, burashimye caane igikorwa cakozwe mugufasha kumenyekanisha ivyo dukora,
IRAKOZE Egide