IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Aba mbere bahawe ivyo batomboye na BRARUDI

Aba mbere bahawe ivyo batomboye na BRARUDI

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hataziriwe "Coca Cola Beach", mu ruja n’uruza ry’abantu barimwo abana n’abakuze, hagorobeje kuri uwu w’Imana ibirori vyo gutanga ivyatsindiwe muri Tombola. Inyuma y’udukino dutandukanye tw’abana, indirimbo zirya n’ino, BRARUDI yashize ku mugaragaro ivyo bamwe bibaza ko ari ibinyoma. Amaterefone yo mu bwoko bwa Android, inkofero, imipira y’amaguru, amasakoshi, power bank, écran plat, amakinga. N’agashimwe ka mbere k’ihiganwa katanzwe : Ipikipiki yo mu bwoko bwa DT Yamaha 125.

Ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, MC Pablo yatangaje ko umwanya wo gutanga ivyatsindiwe ushitse. Umurwi ugizwe n’abakozi ba Brarudi uduga ku ruhimbi, maze bamenyesha intumbero nyamukuru y’uwo munsi.

Nsabiyumva Jean Paul ajejwe itunganywa rya Tombola yibukije abari aho n’abarundi bose ko Brarudi yatanze umwanya w’amezi abiri y’imigisha (kuva kw’igenekerezo rya gatatu Mukakaro gushika ku rya gatatu Nyakanga). Jean Paul yibukije ko abanywi b’i fanta canke abipfuza gutombora batota agapfundikizo batabanje kwugurura ngo barabe ko batomboje.

JPEG - 75.4 ko
Nsabiyumva Jean Paul ajejwe itunganywa ryiyo Tombola ya BRARUDI

Inyuma ya Jean Paul, amazina agera kuri 20 y’abatomboye yasomwe. Umw’umwe n’ico yatomboye. Benshi muri abo batsindiye inkofero, imipira y’amaguru, ama écran plat, amatelefone, n’akabirya k’ipikipiki.

Ndizeye Adolphe wo muri komine Ntahangwa, zone Kinama niwe yatahukanye Yamaha 125 DT. N’umunezero mwinshi, Adolphe avuga ko gutsindira iyo pikipiki ata buhinga yigeze akoresha. Avuga ko yinjiye mu bunywero nk’uko yari asanzwe abikora. Avuga ati : "Kubera nari maze imisi numva iyi Tombola mu nsamirizi, nikwo guharura agapfundikizo maze nsangamwo igicapo c’ipikipiki. Uwo nabajije yambwiye ko ntomboye, ico nakoze naciye ntaha". Adolphe ashimira BRARUDI, agakebura abihereza ama fanta ko bohora baharura imipfundikizo imbere yo kuyita.

Ikindi Adolphe avuga n’uko azobandanya gukina, kanatsinda arabirekuriwe gushika igihe ca Tombola twababwiye giheze.

Mu kurangiza, Jean Paul Nsabiyumva amenyesha kandi ko n’abatsinze bashobora kubandanya bakina, maze bakagwiza amahigwe.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.