IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abagirizwa amasasu yumvikanye kw’ikambi ya Mukoni bashikirijwe (...)

Abagirizwa amasasu yumvikanye kw’ikambi ya Mukoni bashikirijwe ubutungane

jeudi 26 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kuri 13 nibo bamaze gufatwa mu matohoza ku masasu yumvikanye mu micungararo y’ikambi yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga. Abo bafashwe bapfungiwe kuva kuri uwu wa gatatu mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muyinga.

Amakuru atandukanye ava aho mu ntara ya Muyinga avuga ko abo bafashwe bashobora kwumvirizwa mu butungane kuri uwu wa kane.

Mu bafashwe harimwo abasirikare babiri hamwe n’abahoze mu gisirikare batatu, hakaba harimwo na bamwe mu banyagihugu bo mw’ikambi y’abateshejwe izabo yo ku Mutaho mu ntara ya Gitega, ahasatswe n’igiporisi kuri uwu wa gatatu, hatorwa umwmbaro umwe w’igisirikare, imbugita imwe y’igisirikare, umwambaro umwe urinda imvura w’igisirikare, hamwe n’ibiro bibiri vy’urumogi, nk’uko mu giporisi bavyemeza.

Abo bantu bahagaritswe inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’ahari ikambi y’igisirikare yo ku Mukoni,mu ntara ya Muyinga, nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA. Uwo avugira igisirikare c’Uburundi arahakana ariko ko atari igitero cakozwe kuri iyo kambi.

Mu kiganiro yatanze kuri mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, Colonel BARATUZA Gaspard yamenyesheje ko abasirikare bariko bakizura hafi y’ikambi yo ku Mukoni nk’igihe c’isaha umunani n’iminota 30 z’ijoro barashwe n’abagizi ba nabi bitwaje inkoho, ariko ko atacononekaye. Colonel BARATUZA avuga ko abo barashe abasirikare ari abasuma bariko bagerageza kwiba mu mihana yegereye iyo kambi, ariko bateshejwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.