IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize Reta y’Uburundi batanguye umwiherero i Gitega

Abagize Reta y’Uburundi batanguye umwiherero i Gitega

lundi 28 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri uwo mwiherero uzomara iminsi ibiri, hatumiwe kandi n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bwose bwa Reta y’Uburundi.

Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero y’ukurabira hamwe aho abagize Reta bagejeje ivyo bari biyemeje mu myiherero yaheruka, mu bijanye n’intwaro ibereye.

Uwo mwiherero utunganijwe mu gihe umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko ivyo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yiyemeje mu mwaka 2010 ko atazokwihanganira abarya igiturire atabishitseko. Inyuma y’imyaka indwi umukuru w’igihugu atangaje umugambi wa "Tolérance Zéro a la Corruption", mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ahubwo ko igiturire camaze kuba nk’umugenzo mu Burundi hamwe no mu nzego za Reta.

Mu kiganiro yaheruka gutanga ku bamenyeshamakuru, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yari yasavye ko Reta y’Uburundi yohaguruka ikarwanya ico giturire muri PARCEM bavuga ko ciziziye bamwe mu bategetsi bakomeye ba Reta y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ndizeye ko bazokwiga ikibazo ikibazo co gusubiza igihugu kuko muvy’ukuri vyabananiye. Ikibi bazogenda bahitanye abarundi benshi kuko benshi baramaze kubamesa mu mutwe.
    Hagowe uwuzokwihenda ngo arahawe kurungora igihugu apres ces gens-là

  • Tubipfurije umwiherero mwiza ndongozi z’Uburundi.Mukomeze guteza imbere igihugu kandi ibitari bike muramaze kubirangura nico abanyagihugu twabatoreye.Imana ibongere ubwenge nkabumwe yaha Salomo bwo gutunganiriza abanyagihugu.

  • Nta kizima kizavamo rwose, bashatse babyihorera ubwo c nkurumbi yabamarira iki? amacakubiri, ironda koko nirondakarere nibyo yimitse none ngo umwiherero, sha puuuu njye ntakizima mbitezemo rwwose ahubwo arahava abica!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.