IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagore n’abigeme bagera ku 527 nibo badandajwe hanze y’Uburundi mu (...)

Abagore n’abigeme bagera ku 527 nibo badandajwe hanze y’Uburundi mu 2017

lundi 5 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri ico cegeranyo cashikirijwe kuri uwu wa mbere, Prime MBARUBUKEYE, umukuru w’ishirahamwe ONLCT (Observatoire Nationale de Lutte contre les Crimes Transnationaux) aravuga ibituma nyamukuru vy’urwo rudandazwa rw’abantu rukorwa mu Burundi :

"Ibituma nyamukuru abo bantu bagenda muri ivyo bihugu ni ingorane Uburundi bwaciyemwo kuva igihugu cikukiye zatumye imico n’imigenzo y’Abarundi itituka bigatuma umuntu bamubona nk’ibisanzwe harimwo n’ukumudandaza. Hariho ukutamenya kubera abarundi benshi batize bari mu kutamenya, hakaba n’ibintu bijanye n’uguharika canke guhemukiranira mu ngo, hariho amabi akorerwa abakenyezi, indyane z’amatongo, ubukene bujanye n’ukubura akazi, ivyerekeye urwaruka rushaka kwirukira amatunga n’ingoga kugira rutunge bitagoranye mu mwanya muto, urukundo rwatitutse mu ngo n’imiryango hagati y’abubakanye, hakaba n’ibindi vy’uko abarundi ubabwiye ko bagenda hanze uca umenga ubabwiye kugenda mw’ijuru."

Ishirahamwe ONLCT rimenyesha ko muri uwu mwaka w’2017, hibonekeje ibitari bimenyerewe, aho atari abagore n’abigeme gusa batwawe kudandazwa, ahubwo hakaba hiyongereyeko n’abahungu batwarwa gukora ibikorwa biruhisha.

"Hariho imisore yo ntara za Ngozi na Kayanza yafashwe mu mwaka uheze w’2017 itwawe gukora mu mirima y’itabi mu gihugu ca Tanzaniya. Hariho n’abandi bahungu bajanwa mu bihugu vy’abarabu gukoreshwa ibikorwa vyo mu nzu biruhishije."

Ico cegeranyo c’ishirahamwe ONCT kivuga ko abakora urwo rudandazwa bahembwa mu mafaranga y’amadorare, bivanye n’aho uwugiye kudandazwa aba ageze.

"Hariho ibiciro twatohoje vy’amafaranga ahembwa uwugiye kudandaza umuntu. Iyo uwo bagiye kudandaza ageze muri Tanzaniya canke muri Kenya, uwo agiye kubadandaza aronka amafaranga y’amadorare y’abanyamerika ari hagati y’igihumbi n’igihumbi n’amajana atatu."

Ishirahamwe ONLCT risaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu mu Burundi, n’ugukurikirana ico kibazo ku munsi ku munsi. Reta isabwa kandi ko yotegura umugambi w’ukuja gutahukana mu Burundi abo bigeme hamwe n’abakobwa badandajwe mu bihugu bitandukanye vy’abarabu n’ahandi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Wewe wobuza umuntu kuja kwironderera akazi n’ubushomeri buri aha hanze?

  • Ariko jewe murantangaza! Gukora akazi karuhisha ukaronka amafaranga no kubura akazi wohitamwo iki? Bariheba kuko benshi baba basa n abapfuye! Uzi kumara imyaka cumi warahejeje kaminuza nturonke akazi aba A2 bakaronka ubona ingene bibabaza?Iyo Leta musaba ngo ibatahukane izoza kubaha iki bakora! Ni babamenye ahubwo bamenyeko bakiriho gusa nayo ivyo kubatahukana mubigeze aho!! Icohanshikana!!!

  • Yemwe yemwe, ivyo bituma vyose vyadondaguwe si vyo.
    Bahunga ubukene buzura inzara, maze bakaja mu mwiheburo kuko ata kazoza babona. Nta mwizero bagifise.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.