IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abahitanwa na SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’2030

Abahitanwa na SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’2030

jeudi 1er Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa kane igenekerezo rya mbere ukwezi kwa Kigarama isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, mu vyirwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivya SIDA (ONUSIDA), abahinga bavuga ko igitigiri c’abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi gishobora kuba cagabanuwe cane imbere y’umwaka w’2030.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONUSIDA rimenyesha ko mu myaka cumi iheze, abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi, bagabanutse ku bice 30 kw’ijana. Ivyo bigatuma muri iryo shirahamwe babona ko mu mwaka w’2030 ibiharuro bizoba vyagabanuwe cane.

Iryo shirahamwe ryamenyesheje ko kugabanura igitigiri c’abahitanwa n’ikiza SIDA kw’isi bishoboka, naho mu mwaka w’2013 hibonekeje ko igitigiri c’abawugenda ciyongeyeko gato.

Kugira ihangiro yo kuwugabanya rishoboke, ONUSIDA ivuga ko hakenewe ukwitanga kwa buri muntu wese haba mu buryo canke mu kwerekana inguvu mu kurwanya ikiza SIDA. Mu cegeranyo cerekenywe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igitigiri c’abahitanwa na SIDA, cagabanutse ku muriyoni n’igice mu mwaka umwe, bikavurwa ko ari igabanuka ritari ryigere riboneka kuva mu mwaka w’2005.

Akandi karusho kahabaye mu kurwanya ikiza ca SIDA kw’isi, ni uburyo butangwa buguma bwiyongera ku mwaka ku mwaka. Mu mwaka uheze w’2013 hakaba hatanzwe amafaranga agera ku miriyaridi 19,1 y’amadorari, mu gihe mu mwaka w’1993 yari imiriyaridi 4,6 z’amadorari y’abanyamerika.

ONUSIDA ihamagarira amakungu kurushirizaho kwitanga mu buryo bwose, kuko impinga ikiri ndende kugira ihangiro rishikweko, akavuga ko hakiri imiriyoni 22 z’abagendana umugera wa SIDA batararonka imiti yo gupfupfahaza.

Mu Burundi, uwo munsi mpuzamakungu w’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA wahimbarijwe mu ntara ya Cibitoke, mu birori vyatewe iteka na Denise BUCUMI NKURUNZIZA, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.