IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bemeje ishirwaho rw’umurwi w’ukurwanya ihonyabwoko

Abakenguzamateka bemeje ishirwaho rw’umurwi w’ukurwanya ihonyabwoko

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka yamenyesheje ko iyo nteguro y’itegeko ije mu ntumbero ya Reta y’uburundi yo gukinga burundu ivyaha vy’ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara. Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga vyibonekeje ko mu bihe Uburundi buhitiyemwo, hari abantu bagumye bavuga ivy’ihonyabwoko, akamenyesha ko bikenewe ko mwene izo mvugo zokurikiranirwa hafi.

Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko uwo murwi uzotanga umuco kuvyo Abarundi benshi badahurizako kuri kahise k’Uburundi. Uwo mushikiranganji asigura ati : "Bamwe bavuga ko habaye ihonyabwoko mu 1972, abandi bati habayeho ubwicanyi bw’ikivunga, abandi bati icenda na gatatu habaye ihonyabwoko, abandi bati ihibambewe sivyo. Bivanye n’uko akahise k’igihugu cacu c’Uburundi katagiye kandikwa neza."

Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga ko mu bikorwa vy’uwo murwi, harimwo ukwerekana ivyokorwa kugira ihonyabwoko ntirizobe mu Burundi, akavuga ko mu gihe vyokwemezwa ko iryo honyabwoko ryakozwe muri kahise, hazoshirweho ingingo z’ugukugarukira ku bakozweko n’ako kabi.

Uwo murwi rero uzoterera ivyiyumviro kuri ivyo vyose, abawugize baheze berekane poritike irashe yerekana ingene ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara vyotuzwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.