IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana bo mu Kamenge na Musaga bahawe ibikoresho vy’ishure n’umukobwa wa (...)

Abana bo mu Kamenge na Musaga bahawe ibikoresho vy’ishure n’umukobwa wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA

mercredi 9 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

"Umuvyeyi wanje yari umuvyeyi w’urukundo. Twaratemberanye, ndabona ubuzima abana bamwe bamwe babayemwo, arambwira ko nawe aribwo yabayemwo. Yansavye kuzokwama mfasha urundi rwaruka, cane cane mu bijanye n’ukwiga."

Abana bahabwa ibikoresho vyo kw’ishure bagera ku majana abiri, Ines NSHIMIRIMANA akamenyesha ko yabatoye yisunze imirwi itandukanye yaba ntahonikora. Aravuga n’aho yakuye uburyo bw’ugufashisha abo bana : "Narashigikiwe n’abagenzibari bamaze gukunda ivyo nakoze ubwa mbere."

Ines NSHIMIRIMANA ahamagarira urundi rwaruka kugira umutima w’urukundo, kuko ku bwiwe, abakiri bato badafashijwe ataho Uburundi bwoba buriko buraja.

Mu bana amajana abiri bahawe ibikoresho vyo kw’ishure harimwo abo muri zone ya Kamenge ifatwa nk’iyishigikiye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hakaba harimwo n’abana bo muri zone ya Musaga yarwanije bimwe bikomeye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Twashatse kumenya ko ukwo guhuza abana bo mu mice ibiri itavuga rumwe vyoba bifitaniye isano n’ukwiyunga kw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’ababushigikiye. Ines NSHIMIRIMANA asiguye ati : "Sinshaka Uburundi bw’abashigikiye ikiringo ca gatatu canke abatagishigikiye. Nshaka Uburundi bwiza bwa twese. Ubwanje mu gutora abanyamusaga ni nk’uko nari gutora abandi, kuko ni abarundi, nanje ndi umurundi. Abategetsi b’Uburundi ntibigeze batubwira ngo Musaga ntihagire ico muzohakorera."

Abo banyeshure bahawe ibikoresho vy’ishure mu mugambi "Smile for Children" wa Ines NSHIMIRIMANA, umukobwa wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA. Hari amakuru avuga kandi ko ikigo "Fondation NSHIMIRIMANA" kigiye kwugururwa mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ukwo ni ukumugirira publicites!Nimba ashaka ko urwaruka n’abarundi bava mukaga se wiwe yagwaniye hama akaza guhemuka ntiyubahirize Democratie,nabwire umukuru w’igihugu na CNDD-FDD bubahirize democratie,urabe ko ivyo vyose bitazova munzira!Abanyafrica,cane cane abarundi harimwo na CNDD-FDD bazi ko Democratie ari Amatora n’imigambwe myinshi gusa!Ihi bambe we!Democratie ni tout est un paquet!Harimwo:"gusangira ubutunzi bw’igihugu,kwubahiriza agateka kazina muntu,kutigungirako ubutegetsi,..."Ivyo Ines Nshimi akora ni Leta yari ikwiye kubikora apana umuntu kugiti ciwe!Kuko biri mubikorwa vya Leta!Nimba mushaka kumenya aho leta iba ari umuvyeyi w’abanyagihugu,muzoje kurahura ubwenge ukugene muri Holland(Pays-bas)babigenza canke za Finnland,Swede,Norway,Dannmark,..!Kandi iyo Democratie ikwirikijwe neza n’amategeko yayo,ivyo bibazo vy’amoko vyo m’uburundi no mu Rwanda na za RDC,za RCA,... bica bihera!Kuko akenshi izo ndyane ziva m’ubukene bw’abanyagihugu(aharaye inzara hazinduka inzigo)!Or mukwirikije Democratie,umukene ntashobora kurara ubusa,ntashobora kubura aho aryama,umwana w’umukene ntashobora kubaho kuko acaba uwa Leta(murabaza Japhet Legentil wa Diaspora ya Norway) ukugene aho aba muri Norway canke Pays-bas=Halland abana n’abakene babayeho!Ivyo nivyo twipfuza mubihugu vyacu Uburundi na Afrika muri Rusangi!Kuko ibihugu vyacu birakize,biratunze,ariko imitungo wavyo uherera mu bategetsi(nako abakeketsi)!Democratie=Leta ifata ko ahari umutima utaga,urushato rw’imbaragasa rwisasira batanu!Leta niyo ishira mubikorwa uwo mugani apana umuntu kugiti ciwe!Ivyo mukora ni ukwiyamamaza canke muri kwamamaza Ines na papa wiwe!!Leta nibikore,niyo ifise uburyo!

  • Umwana wintwari nkase niyirambire IMANA niyo izobimuhera umugisha abavuga ngo nuguhuza abatavuga rumwe bafise ivyo bagamije nuko batangura invugo zabo turazimenyereye

  • Umwana w’Inzoka aba ar’Inzoka,nabandanya bazomukorerako

  • Ahubwo yari akwiye gusabira ikongwe se wiwe ku Barundi kubera bikorwa bigayitse yasize akoze. Aka kaga igihugu kirimwo ari mu bambere bagateye.

  • jewe ndamushigikiye kurivyo bikorwa vy’urukundo ahubwo akwiye gushigikirwa mumugambi wiwe kwataraba amoko afasha bose ahubwo ngiye kumusengera cane Imana imwagurire imuhezagire

  • Il ne faut pas violer ses droits hama ndazi ko malaya ashobora kuvyara umubiira nibaza ko uwo mwana atakintu kibi yakoze kubona yafashije urundi rwaruka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.