IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu bakekwa ko ari abarwanyi bafatanwe ibirwanisho bitandukanye

Abantu bakekwa ko ari abarwanyi bafatanwe ibirwanisho bitandukanye

mercredi 4 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu bafatiwe muri zone ya Kanyosha, bakekwa ko ari abarwanyi. Abo bantu bafatanwe ibirwanisho bitandukanye, nk’uko mu giporisi bavyemeza.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko abantu indwi aribo bafatanwe inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalachnikov, ibisasu ntezwaminwe (Grenades) icenda, hamwe n’amasasu amajana icenda.

Abo bantu bafashwe hamwe n’ivyo birwanisho berekanwe kuri uwu wa kabiri, mu giporisi bakamenyesha ko abo bantu bafitaniye isano n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bwibonekeza muri zone ya Kanyosha hamwe n’ahandi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.