IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu batatu bafashwe mu matohoza y’abagandaguye umushikiranganji Emmanuel (...)

Abantu batatu bafashwe mu matohoza y’abagandaguye umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU

mardi 3 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko kimaze gufata abantu batatu mu matohoza y’abagandaguye umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU yishwe arashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu. Mu giporisi bavuga ko bisunze ibimenyetso vy’ingene uwo mushikiranganji yishwe, biboneka ko abo bafashwe bafise ico babiziko.

Abo bafashwe ni umugore yari atahanye n’uwo mushikiranganji, bari kumwe mu modoka. Abandi bafashwe ni abanyezamu babiri barimwo umwe yari aje kumwugururira, hamwe n’umukozi wo ku bunywero bita "Chez André" aho uwo mushikiranganji yari aje ava.

JPEG - 11.6 ko
Umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko umushikiranganji NIYONKURU yarashwe amasasu atatu y’inkoho yo mu bwoko bwoko bwa "Pistolet", akaba yarashwe mu mu mutwe, ku ruhande rw’ugutwi kw’i buryo, amasasu aca aserukira ku rundi ruhande rw’i bubamfu, mu mutwe. Kubwa OPC1 Pierre NKURIKIYE, uwarashe uwo mushikiranganji ashobora kuba ari uwo mugore bari kumwe, canke uwundi muntu yoba yari yicaye muri uwo muduga. Abo banyezamu nabo bakagirizwa ko boba barabonye ivyabaye.

Umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU ntiyagira abajejwe umutekano bamucungera, akaba yarasiwe ku rugo iwe muri zone ya Rohero. Mu butumwa bw’uguhoza umuryango w’uwo mushikiranganji, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko abakoze ubwo bwicanyi bazotegerezwa kubuhanirwa.

Umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU, akaba n’umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Muramvya yavutse mu mwaka w’1962, akaba yagenwe kuba umushikiranganji w’amazi hamwe n’ibidukikije kuva mu kwezi kwa Myangadaro 2015.


IGIHE

Messages

  • Kweli urya mugore niwe akwiye kubisigura neza kuko niwe azi vyose. Kuko:
    1) Urya mugore niwe bari kumwe bishoboka ko ari we yamurashe.
    2) Canke naho yarashwe n’umuntu yari mu muduga ariko aho naho birumvikana ko uwo muntu yoba afitaniye isano n’urya mugore kuko akenshi umwicanyi iyo adashaka ko haba isura yica n’aba bari kumwe n’uwo barondera. Gurtyo rero biraboneka ko urya mugore ata n’agashatsi kavungutse.
    3) Ahandi naho ashobora kuba yarashwe n’umuntu avuye inyuma y’umuduga aho naho nyene urya mugore yarabonye vyose uko vyagenze.
    Ariko 1) na 2) nivyo biboneka ko harimwo ukuri umuntu afatiye no kuri arya manyanga aboneka mu mpapuro (atestation de perte de la CNI non datée!!) urya mugore yerekana nivyo aguma avuga ko atari azi nagato urya muhisi kndi bari kumwe. Biboneka ahubwo ko urya mugore yari yabiteguye.

  • none umuko wo wa chez amdré we azira iki? yategerezwa kumushikana muhira? none uwomugore yuriye imodoka uwo mushikiranganji atabizi? muhenda nde? ahubwo ntimwari mukwiye kumumenera ibanga kuko abadd ariko mumeze. rekura uwomugore aje kwirondera ahandi, kuko ay, uryamusi mwaciye mumubuza kuyaca.

  • Imana nimwakire mubwamibway ,izonkozi zibibi nizihanwe goose

  • WAMUVUGISHWA WIBINYOMA YARABABWIYE KO MWESE AZOBAMARA NKIFU YIMIJIRA HAHAHAHAHAH

  • ugutwi kwimpene kwumva kokejwe!!!!!!!!!!!!!!!! mwashimye gukorana nawe mutambikije none ntaco mwobona umuntu yababwiye ko imana yashize ivyanyu kumugaragaro kandi igira ibakomvomvore!!!!!!!!!!! arabamara uyo mu iriminati firimasoni. mukinda mugaramye!!!!!!!! mukinda mwubamye!!!!!!!!! murahona ntagisivya. igikorane nticorangira nawe atakimazi atanze!!!!!!!! bwirwa mubone

  • Abantu barazi kubesha kweli!!!

    None urya mugore yari kumwe na Ministre kugira Ministre amufashe kurondera iyindi carte nationale d’identité?

    Hamwe yoba atari umugore wiwe: nibaza ko uwo mugore yari yafashe ingingo yo kugandagura uwo mu Ministre amuhenda ko bagiye kurarana! Bande de putes!!

  • Agapfuye kabazwa ivu, tactique ya Bunyoni numwana mutoya kugeza ubu arayizi. Rekura uwo mugore nabo bakozi bato, bato kuko bazira ubusa

  • Ubwobwicanyibwamisiyose,bwamabuhitana Abategetsi,burimwamakenga.

  • Niko Biri Ntagishasha Nabandi Barinyuma Erga Ubu Ni Mchezo Wandani!

  • Abobantu bose nabahorwubusa, buri muntango yumwaka Nkurunziza petero ategerezwa gutanga ikimara mubategetsi bikorana. Mubobibazwa na Nkurunziza peter, kuko abicwa bose abariko arashitsa amasezerano yahawe na rusoferi, burimwaka amagunguru yamaraso yemeye kwazohora atanga ategerezwa kuyarondera vyanka bikunda, kubwivyo abapfa baracapfa.

  • biragaragarako.harabariko.bazir’ubusa.nkabobazamu.!!!nimwiyumvire .namwe.gusa uwomugore nabazwe .gusanamwe!?muraziko uburundi .arirazima .bubemumakuba.kuko burimwo.intumva.arikomwihangane.mufye.kandi.canecane.abatware.nkuwafuyewewe!imana .imwakire nabandi.barimunyuma!!!!

  • Turahojj umuryango wabuz

  • ABARUNDI BOSE IYOBAVA BAKAGERA AHO TUKAVUGA AMOKO YOSE, ABAHUTU, ABATUTSI, ABATWA. NIMWIKEBUKE, NIMUGEZAHO, IVYO, KWICANA, NTWAWE, BIZOHESHA AGACIRO ATARI IMIVUMO UWO SIWOMUTI, ABARIBOBOSE NUKWIREZA URUBWA. NTAGIHUGU NAKIMWE TURUMVA ATARI UBURUNDI.IZONIMBUTO,MBI MURIKUBIBA MUBOMUVYARA .NDASUBIYEMWO NIMWIKEBUKE.

  • MUBURUNDI INKOZI ZIBIBI KUGIRA ZIHERE BIZOCA MUNGUVU BABAFASHE BOBANYONGA BAGAPFA BAKAVAHO NKUWO MUKURU BAMWICIY IKI?

  • ako ni akarenganyo izo nkende za ba dd bakoresh mugufunga no kwica abantu. Ni tactic bakoresh ! bakica umuntu hama bakarondera uwo bavyegekako ngo ni amatohoza.

  • NI MWIHANGANE NIKO BIMEZE

  • Ayomatohoza mukora namaki mwebwe kotuzi kwarimwebwe mwamugandaguye!? abobose mwafashe ninzirakarengane gusa, nimba muzi gutohoza nimwitohoze turabe kobishoboka.Nimutoze mwivyo bihangange vyomugi porisi nomurireta niho nzocanemera.Nimureke guhuma amaso uburundi namakungu, icomwamuhoye kirazwi.

  • Birababaje ibiriko bibera mu burundu,no mwwisi yose.ariko rero,abo banyezamu babareke,ntaci babiziko....

  • NIBAREKE KUDUKINA NKUMUPIRA MUBURUNDI VYARAYANGAYE TWEBWE ABANYAGIHUGU TUBA IVYAMPO VYABARICA ABANTU BAKASHE ABANYA GIHUGU NIBAREKE KUBESHERA UWOMUGORE NABO BAKOZI EMWE NDATANGAYE !!!! MU BURUNDI VYAYANGAYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.