IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamahanga bakorera mu Burundi batswe uburenganzira bwo gutunganya (...)

Abanyamahanga bakorera mu Burundi batswe uburenganzira bwo gutunganya inganda hagati mu gihugu

vendredi 15 décembre 2017

Mw’ikete umushikirangani w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yandikiye ba buramatari bose n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, amenyesha ko amashirahamwe atandukanye atunganya ingendo hagati mu gihugu, mu ntumbero yo kuremesha inganda z’inyigisho ku bajejwe intwaro.

Mur’iryo kete,umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko mu nganda zitunganywa ivyigishwa bitegerezwa kuba bihuye na poritike y’igihugu, hamwe n’intumbero ya Reta.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE asaba abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ko inganda zose ziteguwe mu rurimi rw’ikirundi, kandi n’abatanga inyigisho bakaba ari abarundi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yibutsa ko ata shirahamwe ryo hanze ritegamiye Reta rifise uburenganzira bwo kugira ingendo mu gihugu, canke gutunganya igikorwa mu ntara, ubushikiranganji buraba igisata iryo shirahamwe rikoreramwo butarihaye uburenganira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.