IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarokoye ubuzima bwa Willy NYAMITWE bari mu bashimiwe n’umukuru (...)

Abarokoye ubuzima bwa Willy NYAMITWE bari mu bashimiwe n’umukuru w’igihugu

dimanche 2 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu birori vy’uguhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Uburundi bukirindiriye ko Ababirigi basaba ikigongwe Abarundi ku bukoroni babashizemwo, bongere batange indishi y’akababaro. Kubwa Petero NKURUNZIZA, iyo niyo nzira yonyene y’imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’Ububirigi.

Petero NKURUNZIZA yashimiye bimwe mu bihugu bifitaniye imigenderanire myiza, hamwe n’abantu avuga ko bafashije mu gutsimbaza intahe y’ukwikukira y’Uburundi. Amafaranga hafi imiriyoni 46 niyo yatanzwe mu bushimwe.

Ku rutonde rw’abashimiwe hatangura intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, Gabriel NIZIGAMA yahoze ari umushikiranganji w’umutekano, akaba ubu akora mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Yahawe ibahasha y’imiriyoni zibiri z’ukumushimira ko yakoze neza mu kubungabunga umutekano.

Gervais NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA, intwazangabo mu giporisi yahawe imiriyoni zibiri z’ukumushimira ko yakoze neza igihe Uburundi bwari bubangamiwe n’abagizi ba nabi. Yahawe imiriyoni zibiri.

JPEG - 5.7 Mo
Gervais NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA, intwazangabo mu giporisi yahawe imiriyoni zibiri

Hassan Radjabu GAHAMA aserukira Tanzaniya mu Burundi niwe aza ubwa mbere ku rutonde rw’abaserukira ibihugu. Yashimiwe ko igihugu aserukira cagumye gishigikiye Uburundi kuva mu 2015 bugiye mu ndyane za poritike. Uwuserukira Kenya nawe yahawe imiriyoni zibiri nyene, ashimirwa ko yafashije mu kuzana mu Burundi abarwizatunga bo muri Kenya.

Igihugu c’Ubushinwa naco cashimiwe ko cagumye gishigikiye Uburundi mu kwiyamiriza ivyegeranyo vyasohoka, umukuru w’igihugu NKURUNZIZA akavuga ko vyari ivy’ibinyoma. Uwuserukira ico gihugu yahawe nawe imiriyoni zibiri z’ukumushimira kandi ko yafashije mu kuzana abarwizatunga bo mu Bushinwa mu Burundi. Ico gihugu cashimiwe kandi ko cafashije Uburundi mu gutanga amatoni arenga atanu y’umuceri, igihe Uburundi bwari bugeramiwe n’inzara yatewe n’umwimbu utabaye mwiza.

Igihugu c’Uburusiya cashimiwe naco ko cagumye gishikiriza isanamu nziza y’Uburundi, mu manama mpuzamakungu aba. Uwuserukira ico gihugu yahawe imiriyoni zibiri.

Uwahora atwara ikigega FIDA yashimiwe ko atigeze yumviriza ibivugwa ku Burundi, kuko imigambi myiza yagumye ikorwa mu Burundi ariwe abifashijemwo. Yahawe imiriyoni zibiri.

Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubutungane yashimiwe ko yagumye avuga ukuri kw’Uburundi mu manama mpuzamakungu yurungikwamwo. Yahawe ibahasha y’imiriyoni zibiri.

Thérence MBONABUCA, umuyobozi w’umugambi ujejwe kwigisha gukunda igihugu yashimiwe ko arangura neza akazi kiwe, kuko atigeze asiba na rimwe akazi, n’igihe hari imyiyerekano mu mwaka w’2015. Yahawe imiriyoni zibiri.

Colonel Marc NIMBURANIRA, umuyobozi w’ibitaro vy’abasirikare vy’i Bujumbura yashimiwe ko yatunganije neza ubuyobozi bw’ivyo bitaro kurusha abandi. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abayobozi b’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled hamwe n’ibitaro Prince Régent Charles ko bomurabirako akarorero. Yahawe imiriyoni zibiri.

Major Pascal MINANI, umukuru w’ikambi ya Muha yashimiwe ko yashoboye kugaruka umutekano mu karere ka Musaga, imwe muma zone yiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Yahawe imiriyoni zibiri.

Angéline KAYOBERA, umupfasoni wa Colonel Gaspard BARATUZA yashimiwe ko afasha urwaruka, akaba yahawe imiriyoni zibiri.

JPEG - 5.5 Mo
Angéline KAYOBERA, umupfasoni wa Colonel Gaspard BARATUZA ari mu bashimiwe

DUNIA Abedi arongoye umurwi w’abavuza ingoma yahawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu, ashimirwa ko ahagararira akaranga k’Uburundi.

Umuririmvyikazi Natasha NGENDABANKA yahawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu, ashimirwa ko aririmba indirimbo zihayagiza Uburundi.

Levis KIRARANGANYA, igisongerezi mu giporisi c’Uburundi, asanzwe ariwe arongoye ikirindiro c’igiporisi co muri Nyanza Lac intara ya Makamba, yashimiwe ko yarwanije umurwi w’abitwaje ibirwanisho wariko ushinga imizi uvuye hanze y’Uburundi mu ntumbero y’ugutera Uburundi. Yahawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu.

NDAYIKEZA Colette, igisongerezi mu giporisi, akora ku kibuga c’indege ca Bujumbura yawe nawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu ashimirwa ko akorana neza na bagenzi we mu kazi. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwo muporisi ari mu barwanya ubusuma bwibonekeza kuri ico kibuga c’indege, bukorerwa ingenzi. Petero NKURUNZIZA yategetse ko mu kwezi kumwe ico kibazo kitoba kikivugwa kuri ico kibuga c’indege.

Adjudant-Chef NIYONZIMA akora mu ntara ya kane ya gisirikare yahawe nawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu ashimirwa ko yatujije akarwi kahungabanije umutekano mu micungararo y’ikambi ya Muyinga, kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2017.

Sergent BAREMERWA akora mw’ikambi y’312 yahawe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu ashimirwa ko yarwanije urudandazwa rwa magendu muri komine Rusiga na Cendajuru mu ntara ya Cankuzo.

Abarokoye ubuzima bwa Willy NYAMITWE bari mu bashimiwe

Protegene NZOHABONAYO akora mu giporisi kijejwe gucunga umutekano w’abategetsi yahawe umuriyoni umwe ashimirwa ko yahanganye n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho wagira ugandagure Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru. Uwo mupirisi yashimiwe hamwe na APC KAMWENUBUSA Raphael, umuporisi yariko yunguruza imodoka Willy NYAMITWE yarimwo umunsi aterwa. Uwo muporisi yahawe umuriyoni umwe ashimirwa ko yatwaye imodoka ariko ararasa, yongera ashikana kwa muganga Willy NYAMITWE yari yarashwe mu kuboko, kandi nawe nyene yari yakomerekejwe n’amasasu yarashwe.

NDAMUHAWENIMANA Felix wo mu giporisi kijejwe kurwanya imigumuko, asanzwe ari umuririmvyi yahawe umuriyoni umwe ashimirwa ko aririmba indirimbo zikomeza imibano myiza.

Caporal-Chef NSANZURWIMO, umusirikare wo mw’ikambi y’i Bururi yahawe umuriyoni umwe ashimirwa ko yituye Sentare ku bushake bwiwe, aburanira amatongo y’igisirikare c’Uburundi yagira yigarurirwe n’abanyagihugu bayita ayabo. Uwo musirikare yaratsinze mu manza yari afise muri Sentare kuri ayo matongo y’igisirikare.

Umusirikare NIZIGIYIMANA Nadine wo mu ntara ya kabiri y’igisirikare yahawe umuriyoni umwe ashimirwa ko yigenza neza mu myimenyerezo y’igisirikare. Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwo musirikare w’umukobwa hari n’abagabo arusha mu myimenyerezo.

Intara za mbere zashimiwe

Mu birori vy’uguhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashimiye kandi intara zitatu za mbere zigenjeje neza mu migambi y’iterambere. Izo ntara ni Makamba yahawe umuriyoni umwe, Ngozi yahawe ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu, hamwe na Gitega yahawe ibihumbi amajana atanu.

Petero NKURUNZIZA yashimiye kandi abatambutse neza (Défilé) mu birori vyo kuri uwu wa mbere Mukakaro vyabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Aba mbere babaye abakozi bo mu nama nkenguzamateka y’Uburundi. Bahawe amanota 79 kw’ijana hamwe n’ibahasha y’amafaranga umuriyoni w’amarundi. Aba kabiri babaye abaozi bo mu bushikiranganji bw’ubudandaji bahawe amanota 72 kw’ijana n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu. Aba gatatu ni abakozi b’ishirahamwe ITRACOM bahawe amanota 71 kw’ijana n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana atanu.

Mu batambutse neza (Défilé), abasirikare n’abaporisi nabo bashimiwe, bahabwa imiriyoni zitatu. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashimiye kandi abakobwa bita "Les Majorettes" baryoheje ibirori mu gutambuka hamwe n’intambo zitandukanye. Bahawe ibahasha y’umuriyoni.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.