Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasavye intererano y’amatora muri Ekereziya Gatorika biswe abasuma
Abasavye intererano y’amatora muri Ekereziya Gatorika biswe abasuma
vendredi 13 Ndamukiza 2018, par
Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gatorika mu Burundi yabwiye kuri uwu wa kabiri abajejwe kwegeranya intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ko iyo ntererano idasabwa ba Patiri Mukuru canke abandi bose bajejwe gutunganya ivy’ubutumwa bwa Ekereziya Gatorika mu nzego zayo zose mu gihugu cose. Abatoza iyo ntererano bamenyeshejwe ko uwubazwa vyose muri Ekereziya, n’iyo ntererano irimwo, ari Umwepiskopi, kuko Patiri Mukuru canke uwundi wese aba ahabereye uwo Mwungere nyene.
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu baremera ivyashikirijwe n’abo bungere ba Ekereziya Gatorika, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha ko aboba baratoje amafaranga y’intererano ku maparuwasi ari abasuma, nk’uko bivugwa na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
"Ivyo bashikirije birumvikana cane gose kandi twebwe mu ntwaro gushika kuri uwu munsi ntawe twarungitse kuja gusaba intererano kw’iparuwasi canke kw’isikirisare. Abo bose boba bariko bariko barabikora, ni akaryo ko kubabwira ko bariko bakora amakosa akomeye cane. Ku bwanje mvuga nti abariko barabikora ni abasuma kuko ayo mafaranga ntanicotwemeza ko yashitse aho ategerezwa kuja."
- Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga kandi ko mu bijanye n’intererano zitangwa hariho itegeko nshikiriranganji ryashizweho, ryerekana ingene ingene amashengero azotanga intererano. Iryo tegeko rivuga ko ayo mashengero, na Ekereziya Gatorika irimwo azotanga intererano ku gushaka kwayo.
Egide NDUWIMANA
Messages
13 Ndamukiza 2018, 10:18, par Kararuza
Hhahahha CNDD-FDD ntamurongo wa Politique ugira,ngo abasavye intererano y’Amatora muri Eglise Catholique ngo ni Abasuma,hhhahhaha erega n’ubundi abo muyasaba bose muyabasaba kunguvu,navyo nyene ni ubusuma
13 Ndamukiza 2018, 15:58, par sindayih king j de Dieu
ABANTU DUKWIYE GUTERERA AMATORA YA 2020 KUKO AKIMUHANA KAZA IMVIRA IHISE
13 Ndamukiza 2018, 19:27, par Nibarekekuduterera Amatorazobamezacane
Imananiyo Igiravyose Ikabiroranya
14 Ndamukiza 2018, 08:12, par Manirakiza Eric
Abo basuma bafatwe ntibabandanye guteza umutekano muke mugihugu no gutosekaza reta Murongoye kandi bamaze gufatwa bazovuga N’uwabatumye hama reta yezwe n’igihugu vyose hamwe.
14 Ndamukiza 2018, 08:31, par Busurahende
Mu gusagata barajaniranije. Abategetsi uja wumva ngo abakozi babo batanze amahera $$$$$$$$ iyo bariko biyamamaza batazi iyo bija n’iyo biva. Vyapanzwe n’akagwi k’abantu bake bibaza ngo nibo bafise ababashigikira. Habe namba. Kugira babishikeko, babanje kugara ahantu hose abatabishigikiye bocisha ivyiyumviro vyabo.
18 Ndamukiza 2018, 09:22, par manirambona gordien
kuvyukuri uburundi nirwacu ntawukwiye kuba nsindabibazwa gerageza muze tubwubake