IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasavye intererano y’amatora muri Ekereziya Gatorika biswe abasuma

Abasavye intererano y’amatora muri Ekereziya Gatorika biswe abasuma

vendredi 13 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gatorika mu Burundi yabwiye kuri uwu wa kabiri abajejwe kwegeranya intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ko iyo ntererano idasabwa ba Patiri Mukuru canke abandi bose bajejwe gutunganya ivy’ubutumwa bwa Ekereziya Gatorika mu nzego zayo zose mu gihugu cose. Abatoza iyo ntererano bamenyeshejwe ko uwubazwa vyose muri Ekereziya, n’iyo ntererano irimwo, ari Umwepiskopi, kuko Patiri Mukuru canke uwundi wese aba ahabereye uwo Mwungere nyene.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu baremera ivyashikirijwe n’abo bungere ba Ekereziya Gatorika, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha ko aboba baratoje amafaranga y’intererano ku maparuwasi ari abasuma, nk’uko bivugwa na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

"Ivyo bashikirije birumvikana cane gose kandi twebwe mu ntwaro gushika kuri uwu munsi ntawe twarungitse kuja gusaba intererano kw’iparuwasi canke kw’isikirisare. Abo bose boba bariko bariko barabikora, ni akaryo ko kubabwira ko bariko bakora amakosa akomeye cane. Ku bwanje mvuga nti abariko barabikora ni abasuma kuko ayo mafaranga ntanicotwemeza ko yashitse aho ategerezwa kuja."

JPEG - 126.1 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga kandi ko mu bijanye n’intererano zitangwa hariho itegeko nshikiriranganji ryashizweho, ryerekana ingene ingene amashengero azotanga intererano. Iryo tegeko rivuga ko ayo mashengero, na Ekereziya Gatorika irimwo azotanga intererano ku gushaka kwayo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.