IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatarondera impusha z’ukugendesha imiduga zigezweho bibukijwe ko ikiringo (...)

Abatarondera impusha z’ukugendesha imiduga zigezweho bibukijwe ko ikiringo kiri muguhera

mardi 28 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu Burundi yibutsa abantu bataraja guhinduza uruhusha bahorana rw’ukugendesha imiduga kugira bahabwe uruhusha rugenzweho kandi rukozwe mu buhinga bwa none (Permis de conduire bioétrique) ko ikiringo c’amezi atandatu bari bongewe kizoherana n’igenekerezo rya 3 Rusama 2017.

JPEG - 60.9 ko
Alfred Innocent MUSEREMU arongoye igiporisi kijejwe uruja n’uruza

Alfred Innocent MUSEREMU arongoye igiporisi kijejwe uruja n’uruza amenyesha ko abariko barateba bishobora kuzobagora kuronka izo mpusha nshasha z’ukugendesha imiduga. Arakebura kandi abarundi bo mu ntara zo hagati mu gihugu, ko hari abantu bariko barababesha mu kubabwira ko bobakorera izo mpusha, kandi zidasubirwamwo nk’uko avyemeza.

Museremu asaba abashaka izo mpusha ko bokwishikira mu giporisi aho zitangirwa, kuko aribwo buryo bwonyene bw’ukuzironka.


IGIHE

Messages

  • Iyo mvugo yuko bizogirana kuronka impusha nshasa ntibereye kuko abo igipolisi gikorera ari abarundi ku neza y’uburundi. None ntampusha zizosubira gutangwa no kuri bashasha? Nagira cobaye igikorwa kibandanya gushika twese turonse izo mpusha na rirya tuzironka dutanze amafaranga! Ugutunganya ibikorwa nabi nivyo bidindiza iterambere ry’igihugu.

  • NONE KUWUSANZWE AFISE URUHUSHA RWAKERA BISABA IKI? KUGIRA BAMUHINDURIRE URUHUSHA RUSHASHA MUDUHE INYISHU?

  • Nibagerageze bihute bazirondere abatarazironka, kuko bifise ikimazi kumuryango.

  • Ko permis zahahora zari zifise ikiringo zihererako, ikibuza yuko uwo ikiringo giheze aca asaba permis nshasha ni igiki aho kwihutira guhagarika itangwa ry’ams permis biometriques?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.