IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aloys HABIMANA umuhuzabikorwa wa Front Line Defenders aridegemvya

Aloys HABIMANA umuhuzabikorwa wa Front Line Defenders aridegemvya

lundi 19 février 2018

Aloys HABIMANA yari yahagaritswe kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018, mu gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura,ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Uwo muhuzabikorwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’iyo mu bumanuko, yahagaritswe ari kumwe n’uwundi bari kumwe mu rugendo.

Amakuru ava muri bamwe bamwegereye, amenyesha ko yoba yari yahagaritswe kubera urupapuro rw’inzira rwariko rukoreshwa n’uwo bari kumwe rwateye amakenga abajejwe umutekano b’Uburundi.

loys HABIMANA yarabaye kandi umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Human Right Watch.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.