IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amasezerano yateguwe n’umufasha w’umuhuza ntaco yofasha Uburundi" - Jeremie (...)

"Amasezerano yateguwe n’umufasha w’umuhuza ntaco yofasha Uburundi" - Jeremie MINANI

lundi 21 Myandagaro 2017

Jeremie MINANI avuga ko amasezerano yateguwe na Benjamin Mkapa umufasha w’umuhuza adatuma haba icuka ciza cotuma impunzi zihunguka, atazana ubutungane ku bantu bose bakorewe amabi, kandi ashobora gutuma haba ivyaha bidahanwa.

Uwo munyeporitike amenyesha ko ayo masezerano ataza gufasha kugira hategurwe amatora meza mu mwaka wa 2020, kandi adatuma abapfungiwe ivya poritike barekurwa bakidegemvya.

Jeremie MINANI akavuga ko ayo masezerano akwiye kutemezwa, kuko ataco yozanira Uburundi, kuko kandi atuma abanyaporitike bagumiza umutima ku matora azoba mu mwaka wa 2020.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.