IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze ku cegeranyo ca ONU

Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze ku cegeranyo ca ONU

mardi 12 Nyakanga 2017

Mu nama yo gushikiriza aho ahagaze ku vyerekeye ico cegeranyo yatunganije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017, ayo mashirahamwe amenyesha ko ivyaha vyagirizwa indongozi z’Uburundi ata vyemezo bigira, kuko ata mwidondoro w’abantu batanze ivyo vyemeza urimwo, ndetse ubwoko bw’icaha naho cakorewe bitamenyeshwa, ivyo vyose bikerekana ko ico cegeranyo ata kuri kirimwo.

JPEG - 53 ko
François Xavier NDARUZANIYE asanzwe arongoye ishirahamwe Izere NTIWIHEBURE

François Xavier NDARUZANIYE yavugiye ayo mashirahamwe, avuga ko mu cegeranyo cashikirijwe n’uyo murwi, ushikiriza gusa ivyaha vyakozwe n’igiporisi, iperereza hamwe n’umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure w’umugambwe CNDD FDD ata na hamwe uvuga amabi yakozwe n’urwaruka rwakoze imigumuko ruri kumwe n’abarongozi babo mu mwaka wa 2015.

François Xavier NDARUZANIYE asanzwe arongoye ishirahamwe Izere NTIWIHEBURE avuga ko ico cegeranyo gishingiye ku mvo za poritike .

Muri ayo mashirahamwe bavuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha itazohirahira ngo itanguze amatohoza nyezina ku vyerekeye ivyaha vyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 2015, kuko izoba ihonyanze ingingo ya 17 y’amasezerano y’i Roma agenga iyo sentare.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.