IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasoko yasubiwemwo agiye kwugurugwa mu ntango za Kigarama 2017

Amasoko yasubiwemwo agiye kwugurugwa mu ntango za Kigarama 2017

lundi 16 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 gitugutu 2017, umuhanuzi mukuru w’igisagara ca Bujumbura Ramadhan NKURIKIYE yamenyesheje ko icatumye ayo masoko ateba gutangura gukorerwamwo ari inyubakwa nshasha zubatswe muri ayo masoko zatumye ibibanza vyahahora bigabanuka. Ramdhan NKURIKIYE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura :

“Inyuma y’aho abatanze imfashanyo zo kwubaka aya masoko bayadushikirije, twasanze hari inyubakwa zubatswe indani zatumye zitwara ibibanza abanyesoko bahora badandarizamwo, arico catumye tubandanya ibikorwa kugira ibibanza bibandanye biboneka kugira abahora badandariza muri ayo masoko bose babone kuyasubiramwo ata bibazo biteye” .

JPEG - 120.4 ko
Ramdhan NKURIKIYE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Zimwe mu nyubakwa zubatswe zitahora muri ayo masoko hariho amavuriro, ibiro vy’inyamirambi, ibiro vya komiseri w’isoko, ibohero, inyubakwa zo gukinga impanuka hamwe n’ikibanza kizorundwamwo imicafu.

Uwo muhanuzi mukuru w’igisagara ca Bujumbura ashikiriza kandi ko ibikorwa vya nyuma biriko birakorwa ubu ko arivyo gushushanya hasi kugira berekane inomero z’ibibanza umudandaza wese azoronswa.

Tubibutse ko amasoko yasubiwemwo ari atanu : isoko yo mu Kinama, isoko yo mu Ngagara, isoko yo kw’i Jabe, isoko yo mu Kanyosha, isoko yo ku Musaga, isoko yo mu Kinindo hamwe n’isoko yo mu Ruziba yubatswe gushasha. Yose hamwe yubatswe ku mafaranga arenga imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amanyaburaya, ayo yose akaba yatanzwe n’ishirahamwe y’ubumwe bwa Buraya.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.