IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amategeko atizwe neza niyo ntambamyi ya OTB", kubwa Jacques (...)

"Amategeko atizwe neza niyo ntambamyi ya OTB", kubwa Jacques BIGIRIMANA

mardi 3 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wa OTB Jacques BIGIRIMANA kuri uwu wa mbere, mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’iryo shirahamwe mu mwaka wa 2017, aho yavuze ko ibikorwa n’ishirahamwe PROTEM bituma OTB ihura n’ibibazo vyinshi nk’igabanuka ry’umwimbu.

Jacques BIGIRIMANA arongoye OTB yamenyesheje ko ishirahamwe PROTEM ryategerezwa kuba umwunganirizi mu gishingo co kuba umusahuzi w’umwimbu.

Uwo atwara OTB avuga ko hari amafaranga angana umuriyardi w’amarundi abarimyi baheraniye OTB bitumwe n’uko ishirahamwe PROTEM "ryahenze" abo barimyi baca batwarayo umwimbu.

Jacques BIGIRIMANA avuga ko biri mu vyatumye ishirahamwe OTB rigira ibibazo.

Jacques BIGIRIMANA asaba ko abajejwe amategeko bofata ingingo ibereye kugira ibikorwa vya OTB bigende neza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.