IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutungane bwemeza ko bubandanya amatohoza kw’inyuruzwa rya Jean (...)

Ubutungane bwemeza ko bubandanya amatohoza kw’inyuruzwa rya Jean BIGIRIMANA

jeudi 22 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Amezi atanu yarumanye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 22 Kigarama, ku munsi ku munsi, atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Inzego z’umutekano z’Uburundi zamenyesheje ko atarizo zafashe uwo mumenyeshamakuru.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko dosiye y’inyuruzwa rya Jean BIGIRIMANA yamaze kwugururwa muri parake, agasaba abazoronka inkuru kuri iyo dosiye ko bokwegera inzego z’umutekano canke abajewe intwaro kugira batange ayo makuru azofasha mu matohoza ariko arakorwa n’ubutungane.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Muri CNIDH basaba igiporisi ko mu matohoza kiriko kirakora, coshira inguvu zikomeye kuri zone ya Bugarama, aho biboneka ko Jean BIGIRIMANA yazimanganiye.

Amezi atanu yose akaba aheze mu muryango wa Jean BIGIRIMANA hamwe no mu kimenyeshamakuru IWACU batazi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru, ata n’uwuzi namba yoba akiri muzima canke yaragandaguwe. Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe risaba ko amatohoza yokorwa, umuryango wa Jean BIGIRIMANA ukamenyeshwa aho ari.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.