IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amwe mu mashure y’abigenga agiye kwugarwa

Amwe mu mashure y’abigenga agiye kwugarwa

vendredi 7 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho zisumbuye hamwe n’ubushakashatsi, yamenyesheje ko ingingo zikomeye zigiye gufatirwa amashure y’abigenga azoba yigako abanyeshure bazoronka amanota ari munsi y’ibice mirongo ibiri kw’ijana (20%) mu bibazo vya Reta.

Izo ngingo zizofatirwa ayo mashure y’abigenga, ni ukwugarwa burundu mu mpera z’umwaka w’ishure w’2016 ushira w’2017.

Ubushikiranganji bw’indero, inyigisho zisumbuye hamwe n’ubushakashatsi buvuga ko agaciro k’ishure kabonekera ku manota abanyeshure b’iryo shure baronka mu bibazo bitandukanye, arico gituma amashure amwe amwe agiye kwugarwa. Ubwo bushikiranganji bwasohoye n’urutonde rw’amashure yitezwe kuzokwugarwa, menshi akaba ari ayo mu gisagara ca Bujumbura, ayo nayo akaba agera kuri 35.


IGIHE

Messages

  • Ndirahisha ashaka kubaka iguturire! Gatinyashengero namuhe buruguri yabashinwa hama ahore?!! She better keep her mouth shut!

  • Igihugu c’akajagari. Ayo mashure niwe wayemereye kubera ibiturire, utaravye ko akwije ibikenewe: abigisha, ibikoresho, ikibanza... Aba DD mwarahejeje kutwicira urwaruka. Kubera inda ndende zanyu abana mwabatereranye ibisiga, bagatanga amafaranga atavugwa, bagata umwanya ngo bariko bariga, kandi mu bizi neza ko batariko bariga ari urucuruzwa gusa.
    Ugwo gwaruka muriko murica nigwo ruzobagiriza igihe kigeze.
    Ubu muriko murifatisha amatageko atajamvura ngo mufuta amashure mwarekuye gukora mubona.
    Niyo ngingo yo gufuta ayo mashure nako izo yagamukama, ntawuri sur ko izokwirikizwa. Hinge bakuzanire ibihumbi bazobandanya kwica abana izuba riva.Nibaguhe agafaranga wirire.

  • mu ncamake umunt yoshima iyo ngingo arik impinga iracar ndende uravy amahera batanga buri kwezi biragaragara ko leta yakingiy ikibaba abica abana b.igihugu bagasahura abavyeyi arik nihwej ingingo Dr arik arafata birerekan k afise ugushak ark nkagir amakenga k zitazoshirwa mu ngiro kuk mensh muray mashure n.ay.abayobok b.umugambwe

  • nivyo kweli nibatange ubumenyi kubana b’igihugu apana kubaroga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.