IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BBC na Radiyo Ijwi rya Amerika zahagaritswe gukorera mu Burundi mu kiringo (...)

BBC na Radiyo Ijwi rya Amerika zahagaritswe gukorera mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu

vendredi 4 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, umukuru w’urwego CNC, KARENGA Ramadhan, yavuze ko ayo maradiyo abiri yahagaritswe kwumvikana ku butaka bw’Uburundi, kuva kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2018, kuko atubahirije amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

KARENGA Ramadhan arongoye ikigo CNC yavuze ko iradiyo BBC yahagaritswe kuko yagabishijwe ariko ntiyakurikiza ivyari mw’ikete ryo kugabishwa, ryayisaba kwama riha ijambo abegwa bose n’inkuru, hamwe no gutohoza neza amakuru ku bayatanga.

Umukuru w’urwego CNC yavuze kandi ko, iradiyo BBC ihagaritswe kubera inkuru yacishije ku gisata cayo ca BBC Afrique,kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2018, iyo nayo imaze kwumvirizwa n’abakozi ba CNC bakurikirana ibica ku maradiyo, basanze ihungabanya ukubana neza hagati y’abarundi.

Muri ico kiganiro, umukuru w’urwego CNC avuga ko BBC itagarukirije aho gusa, kuko kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, mu kiganiro ’’l’invite de la semaine’’, yahaye ijambo umurundi aba hanze, umumenyeshamakuru akaba atashoboye kumusubiza ku murongo, igihe yariko avuga ibintu birenza urugero, bidafise ivyemezo, bibiba urwanko rufatiye ku bwoko, kutubaha amategeko, kandi bityoza umukuru w’igihugu, ari navyo vyatumye Reta yitura urwego CNC.

JPEG - 181 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

Ku ruhande rw’iradiyo ijwi rya Amerika, umukuru w’urwego CNC, yasiguye ko iyo radiyo yahaye akazi, mu gisata cayo c’igiswahiri, umumenyeshamakuru w’umurundi aronderwa n’umutahe mpuzamakungu, yongera ibandanya icisha amakuru yayo ku murongo w’iradiyo itacemerewe kuvugira ku butaka bw’Uburundi.

Umukuru w’urwego CNC, yavuze kandi ko iradiyo ijwi rya Amerika ryatanze amakuru kw’igenekerezo rya 4,5,17 na 26 Ndamukiza 2018, ayo nayo urwego CNC rukaba rwasanze ahengamye, atisunze amategeko y’umwuga, ahamagarira urwanko muvya poritike, kandi atari atohojwe neza.

Ikigo kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi, vyagabishije kandi amaradiyo Isanganiro, CCIB FM plus n’iradiyo RFI y’abafaransa zagabishijwe.
Umukuru w’urwego CNC yavuze ariko ko abafatiwe ibihano bafise uburenganzira bwo kwunguruza, mu gihe turi mu gihugu gifise Reta ishingiye ku mategeko.

Izo ngingo z’urwero rugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, zifashwe inyuma y’umunsi umwe gusa hahimbajwe umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, Uburundi bukaba buri mu kibanza c’159, mu bijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Izo ngingo zafatiwe mu nama yahuje abagize urwego CNC, kur’uno wa kane igenekerezo rya 3 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kabisa ivyo cnc yakoze bigaragaza ko uburundi budatinya igitsure cabanyamerica nabongereza. Nibisunge amategeko ubundi babe amahoro bibananiye nibaje muri basindumuja batureke. Turinyuma yawe cnc twarikukiye nibisunge amategeko niharambe uburundi bugengwa namategeko.

  • IVYUBURUNDI BIRAGOYE !

  • Andika hano Egome Iyo AMabanyeshamakuru Nke Ibinyakuru Bishiriye Mwivyo Biyumvira Usanga Ataneza Yabose Iboneka Atarikunyanisha Abanaba Basagiye Uburaro Nuburamuko Bagatandukanwa Nivyumviro Vyapotike Ariko Atawubatsanishamwo Ntangorane Numugore Canke Abana Murabana Neza Mudasangiye Umugabwe Atagorane Handya Muteramye Umwumwe Wese Akaganira Avuga Iwabo Ingene Vyifashe

  • no mu bindi bihugu bafunze BBC kuva cera, ni iburundi gusa igisamirana, hakurya y’akanyaru BBC yabaye amateka cera. BBC iza irazamaza abanyagihugu gusa.

  • MWUGARE ZIMWE MWUGURRA IZINDI MURASUBIRIYE IVYA2015 MURAGABE NTIMUTE IGIHUGU MWIHUMBI UBUNUWUZOKORA IKOSA ARUMUTEGETS NTAZOHANWA BIBONEKAKO AMARADIO YABIGENGA MURUNDI ZERO MUZUGARE AHUBWO HASIGARE RTNB GUSA BIRAMBABAJE PE

  • Andika hano mana garukira uburundi bwacu.kukoniwe ufise ijambo ryanyuma.

  • Sinzi ko ikinyamakuru "Igihe" Cemera yuko iciyumviro canje kirengana kubera ibihe turimwo ariko, nagira nshikirize ibi vyiyumviro :
    1. Muri 2015 baraturiye amaradiyo bibaza ngo ivyiyumviro vy’abantu barabihagaritse.
    2. Ibinyamakuru vyaraburabujwe na cane cane ivyashikiriza ivyiyumviro bitandukanye.
    3. Noneho tuje twashika kw’isimbo y’inuma ngo BBC, VOA, RFI,... ngo bashikiriza ibitarivyo.
    4. RTNB isigaye ariyo yonyene amakungu azokwemera ?

    Ntimwibaze ngo hariho urwego rwigenga bita CNC ruriho, kubera iyo ngingo yaraye ifashwe yapangiwe mu nama nshikiranganji ya Leta, CNC nayo iti twatanzwe kuyishira mu ngiro.

  • Birateye Isoni. Ariko none, mushaka reta itware atawuvuga ikibi ? Mushaka ko bose bakoma amashi naho baba badakunda imyifato ya Reta ? Je nd’umu DD, ariko iki c’amaradiyo sindacumva nagatoya. Kubana m’ubutandukane bwacu bisobanura iki muburundi ? Ushobora gute guta mugasho umuntu yigishije amacakubiri hanyuma buce nawe ukugara amaradiyo ngo yatyoje umukuru w’igihugu ? Je kuvaho nirukiye inyuma yanyu, ndarushe kuko simbona insiguro y’ivyo dukora imisi yose.

  • nibige kuza barubaha inzego kuko kutagira indero nicaha kimwe c.inyanduruko.ese izo radio zimaze iki atari gucanishamwo abose rimwe ?abivugira ivgo bishakiye motif ngo barihanze mwibuke ko fin de fin kizobaruka mugaruke muze murabe ntimuzosange mwitumye aho mutema.kandi kugira ubone ko ataco umaze kw.isi uja mubantu benshi niho ubona ko uvuyemwo abandi babandanya.reka kuguma mutakaza umwanya.

  • Iyo bumenya umwe bwari ikindi. Babonye habavye kubera "Oya" buca itsinda "Ego" bati reka twugare imihora yose vyotangarizwako.

  • Bantu muzi gusesangura, muraturabira ivyinyegeje inyuma yiryo hagarikwa ry’ama radiyo.

    mugireko mubitumenyeshe.
    murakoze

  • Nibareke abarundi batware igihugu cabo uko bavyipfuza niyo democratie.ubukoloni bwaraciwe kandi nyeninkota nuyifashe ikirindi

  • ew nibnd biracaza rindra pée !!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.