IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe kwinjira kurondera amakuru mw’ibohero (...)

Bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe kwinjira kurondera amakuru mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

dimanche 10 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe APJ (Association pour la Promotion des Jeunes) ryatunganije urwo rukino rw’umupira w’amaguru mu ntumbero y’ugukomeza amahoro hamwe n’umubano mwiza hagati y’urwaruka rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Iryo shirahamwe ryaratumiye ibinyamakuru kugira bikurikirane ivy’urwo rukino. Ikinyamakuru IGIHE cari carungitse umumenyeshamakuru aho kw’ibohero rikuru rya Mpimba, yitwaje ibimuranga hamwe n’ubutumire bw’iryo shirahamwe.

Uwujejwe umutekano muri iryo bohero yanditse amazina y’abamenyeshamakuru bari barungitswe kuri iryo bohero, bagira banjire niho yahabwa kuri Terefone ngendanwa itegeko rivuga ko abamenyeshamakuru b’insamirizi n’imboneshakure y’igihugu (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi) aribo bonyene binjira. Abandi bose bakorera ibindi bimenyeshamakuru babwiwe ko botaha.

Mu rwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru (CNC : Conseil National de la Communication) bavuga ko ata nsiguro ihari yotuma bamwe mu bamenyeshamakuru bemererwa kuronka amakuru, abandi bakankirwa.

Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA, umuvugizi wa CNC amenyesha ko muri urwo rwego badashigikiye ivyo vyakozwe n’umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.