IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu bihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi ku matohoza ya (...)

Bimwe mu bihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi ku matohoza ya CPI

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibihugu vyo Afrika birongowe na Tuniziya vyagiye hamwe kuri uwu wa gatatu bisohora urwandiko rushigikira Uburundi, bisaba ko Sentare mpanavyaha itokora amatohoza ku Burundi.

Ivyo bibaye mu gihe umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi utegekanya ko ONU yokwemeza kuri uwu wa kane ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha itanguza ayo matohoza mu Burundi, ibishigikiwe n’ubumwe bwa Buraya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko icegeranyo ca ONU ku gateka ka zina muntu gishingiye ku makuru atariyo, kandi ko n’ibivugwa ku Burundi atarivyo.

Abaserukira ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya, Reta zunze ubumwe za Amerika, Norvege, Ubuswise, Canada, hamwe n’Ubwongereza bavuga ko badashigikiye ivyo vyasabwe ba bimwe mu bihugu vya Afrika. Ingingo yafashwe na ONU imenyekana ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, canke ku munsi wa gatanu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abanye politique baratubesha cane cane CNDD-FDD,none ko ari Ghana yashigikiye abazungu mwikorwa ry’iperereza rya CPI k’u Burundi mukaba mwarahereye muri 2015 mubeshera u Rwanda ngo rurwanya u Burundi ubu ntivyigaragaje,za Mbones ko zatevye kuja kuri Ambassade ya Ghana i Buja ngo zibiyamirize nkuko mwabigize ku y’u Rwanda?aho mwahereye mubeshera u Rwanda na kizigenza warwo Nyakubahwa Paul Kagamé,erega DD muvyemere Abanyarwanda baradusize na kure ntibafise umwanya wo guta bivanga muruyu mucafu wo ngaha mu Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.