IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abakenyezi biyamirije icegeranyo c’abahinga ba ONU

Bujumbura : Abakenyezi biyamirije icegeranyo c’abahinga ba ONU

samedi 9 Nyakanga 2017

Ico cegeranyo c’akozwe n’umurwi w’abahinga batatu b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU giherutse gusohoka, cerekanya ko hari ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi,kigasaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI gutanguza amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Abo bakenyezi bagizwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka,hamwe n’abandi bakenyezi bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira hagati mu gisagara ca Bujumbura,ari naho batanguriye urugendo.

Bimwe mu vyandiko bari bitwaje vyavuga biti: ’’Ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi rirateye ivyatsi ayo marementanya akorerwa igihugu cacu n’akarwi ka ONU biboneka yuko bakibandanya wa mugambi wabo ugayitse ku gihugu cacu,mu gutanga ama raporo y’ibinyoma nkuko bagiye barabikora”.

Ibindi vyandiko vyavuga biti: “Abakenyezi twese hamwe mu bwoko bwose turiyamirije amabi aremekwa igihugu cacu ,nta honyabwoko ririko rirategurwa mu Burundi”.

Tubibutse ko icegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi giheruka gusohoka casaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye CPI gutanguza amatohoza ku bugizi bwa nabi hamwe n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ko ridashigikiye ko amatohoza atanguzwa ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi.

Muri Reta y’Uburundi, bagumye bamenyesha ko batazokwigera bemera ivyo vyegeranyo kuko birimwo ibinyoma, kandi bikorwa uruhande rwa Reta rutabajijwe.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Reka kugora abo batamakazi mubajana mubitagira ikimazi ngo muriyerekana!

  • Mbega abo bashiki b’imbonerakure iyo bahimvye kubera barya inguvu z’abanyagihugu birigwa baracugwa bufuni na buhoro baca baja ku gasozi ngo nta mabi akorwa mu burundi?

  • bareke bavyiyamirize bavyiyamirije hageze sibo bonyene ico cegeranyo c’ibinyoma bakibonamwo amahinyu.Mwizera ubutungane bwo mubulayi mugasuzugura ubutungane bw’igihugu canyu n’ubwo kumugabane wanyu wa Africa.Abanyabulayi barabashuka.

  • Abontibakwije mumitwe harico bahajije!
    iconzico nuko arabagore babamwe bahoneje inganda hano muburundi.
    Mbega amakungu arayobewe kohariho abagore babicanyi?
    mwibuke murwanda mubakoze ihonyabwoko nabagore barimwo, ivyo ntawe vyotangaza rero kongaha muburundi abantunkabo baruzuye.
    None ivyobijuju ivyoberekanye batohoje nabo nivyahe bozana mwibarabara bihinyuza ivyatohojwe na ONU?, ivyo ndavyita kurwara mumutwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.