IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Babiri bapfuye uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje (...)

Bujumbura: Babiri bapfuye uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Abantu babiri nibo bitavye Imana mu gitero cabaye ku rugo rw’uwujejwe kumenyesha amakuru mu muhari w’urwaruka ruri mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezop rya 14 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amakuru ava muri Zone Rubirizi y’ikomine ya Mutimbuzi ahari urwo rugo rwatewe ,amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ku rugo rwa Baptiste Sibomana ,aho abantu bitwaje ibirwanisho barashe amasase menshi.

Umukenyezi wa Baptiste Sibomana hamwe n’umushitsi yari aharaye nib baciye bapfa ubw nyene kubera ibikmere, Baptiste Sibomana nawe arakomereka.

Mu gipolisi muri komine ya Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura Rural bamenyesha ko bamaze gutanguza amatohoza.


IGIHE

Messages

  • BARABAMARA VYUKURI AHO NRINWOGEZAHO?

  • MANA KIZUBURUNDI BUVE MWIZINGORANE.TURARARUSHE PE.

  • Ijambo amatohoza barakwiy kureka kurikoresha kuko atacigera kivamwo uretse ko ari uguhenda abantu gusa.

  • Ijambo Ry’ Imana Rivuga Ko Uwusesa Amaraso Ya Mugenzi We Nawe Azoyaseswa.Ni Bakovye.

  • Baracapfa! kuko reta mugukwiragiza ibirwanisho mubanyagihugu yi baza kwarubwenge iriko irakoresha, ivyovyose bishobora kuzobazwa reta yi caduka ya Nkurunziza, nakare ko yari numunwanyi wa Rwasa, nakare reta iriho inasazwe iterekwa uwitwa umu FNL, biragoye ivyahano iburundi, nayivyamatohoza ntabibaho hano muburundi, sinzi nkomunyaka izoza, nayubu birikure nkukwezi.

  • Abant Bakor Ubugiz Bwanab Bakwiy Kwikubit Agash Bakameny Ko Ubuzim Atar Katihabw Uwutaranigw Agaramy Avug K Ijor Rir Haf, izo nzirakarengan IMANA izakir

  • Nukuri Ndabasavyeko Bokora Amatohoza Anyaruka Kugira Abakoze Akokabi Kabishe Bafatwe Bashikirizwe Ubutungane Bongere Bahanwe Hisunzwe Amategeko Guko Jew Mbonako Atayindi Ntumbero Bafise Atarukugomba Kuryanisha Abarundi Kandi Natwe Twari Dufatanye Munda

  • Mana Garukira Uburundi.Kuko Abakibamwo Baramaranye Bicana Dutabare Mana Nayahandi Abarundi Tugiye Guhona.Abategetsi Buburundi Nibagarukane Igihano C’ogupfa.Uwishe Naw Yincwe.Niho Ubwicanyi Bwogabanuka.

  • NDASAVYEMWE,MWIYUNVIRE UGENDE WICE MUGENZAW KUGIRA,URYANISHE ABANT, AHO UWISHE UMUKENYEZI NUWOMUSHIZ WUNVA NAW NGWAKWIYIKI? NAHAHARIHOHOS AZAPFE ABONEY KWIS,BENEDATA NTIMWIBUKA KO UWICISHA INKOTA NAWE AKWIY KWICISHA IYIND INKOTA, NAWE ARAKAYUNYANAW!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.