IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira MUSEVENI na MAGUFURI

Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira MUSEVENI na MAGUFURI

samedi 3 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Abitavye iyo myiyerekano bahuriye hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD FDD, bafata ibarabara ribashikana mu gisagara ca Bujumbura.

Abari muri iyo myiyerekano bavuga ko bashimiye umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni, hamwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFURI.

"Turakengurukiye cane abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, na cane umukuru w’igihugu c’Ubuganda n’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya ku ngingo nziza bafashe y’ugusaba ko abanyaburaya bafatiye ibihano vy’akarenganyo Uburundi bobifuta kugira ibintu bigende neza."

Muri iyo myiyerekano, abo bakuru b’ibihugu basabwe ko bokwicarira ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda.

"Turasavye kandi ko abo bakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bokwicarira vuba ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda, kugira ngo twibanire neza, na cane cane ko Uburundi bwamaze kubashikiriza ico kibazo."

Umuhuza mu bibazo vya poritike y’Abarundi yasabwe ko ivyo biganiro vyotahukanwa kubandaniriza mu Burundi, abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi nabo bashikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

"Dusavye ko ibihugu vyose bicumbikiye abagomvye gutembagaza inzego z’igihugu kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 vyobashikiriza ubutungane bw’Uburundi. Dusavye kandi umuhuza ko yotahukana ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze kugira ngo bisozerwe vuba nk’uko yavyiyemereye, kuko vyotuma uburyo bukenewe bugabanuka."

Muri iyo myiyerekano, indirimbo z’ugushimagiza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nizo zasamirana.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.