IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura-Rohero: Umuntu umwe yakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

Bujumbura-Rohero: Umuntu umwe yakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

lundi 31 Mukakaro 2017

Uwutwara imodoka yunguruza abantu ‘’Taxi’’ yagonzwe, yatumenyesheje ko hari nk’igihe c’isaha icumi n’imwe n’igice zo mu gatondo, aho abantu bamuhagarika kugira abunguruze, hafi y’ishuri Ecole Independante imbere y’urusengero rw’aba orthodoxes, agihagaze aca agongwa n’imodoka yo mu bwoko bwa Jeep, mu gihe yari ihejeje gutembagara.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko mu gihe yari arindiriye umwe mubo yategerezwa kwunguruza, haje imodoka yo mu bwoko bwa jeep Prado, abona iratembagaye ica iseka imodoka yiwe iyisanze aho ihagaze.

Yatumenyesheje ko naho imodoka yatembagaye gushika aho amapine aja hejuru, ata muntu yitavye Imana, ariko ko umwe mu bari muri iyo jeep yatembagaye yakomeretse, aca ajanwa mu bitaro.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko aravye uko iryo sanganya ryabaye, bigoye gusigura icatumye riba, akavuga ko ari isanganya nk’ayandi yose kuko imodoka itariko igenda mu muvuduko munini.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Bararaba neza kubera hari kuwa mbere mu gatondo usanga uwo yatwara jeep yari yaraye arasoma akarwa bica bituma atakaza ubwenge canke arasinzira ari kuri volant. Kuberiki samedi mu gatondo,dimanche na lundi hakunda kuba accident. ubwo PSR irakora neza? Je doute

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.