IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura yakiriye inkino "Jeux de l’Amitié" zateguwe n’ishirahamwe "Peace And (...)

Bujumbura yakiriye inkino "Jeux de l’Amitié" zateguwe n’ishirahamwe "Peace And Sport"

samedi 12 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Laurent Dupont, umuyobozi mukuru wa "Peace And Sport" avuga ko akarere k’ibiyaga binini karangwamwo ingwano zituma bamwe mu rwaruka bataronka akaryo ko guhabwa inyigisho yaba izo mw’ishure canke iz’imyuga. Kubw’uwo muyobozi, inkino nizo zitanga akaryo keza ko guhuza abava mu bihugu bitandukanye kugira bayage amahoro.

Urwaruka amajana abiri rwo mu Burundi hamwe na Repuburika iharanira iharanira intwaro rusangi ya Congo nirwo rwahuriye i Bujumbura muri izo nkino zizomara iminsi itatu. Mw’ishirahamwe Peace And Sport bari batumiye n’urwaruka ruserukira igihugu c’Urwanda, ariko rukaba rutashoboye kuza mu Burundi.

Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA yari mu birori vy’ugutanguza ku mugaragaro izo nkino, yamenyesheje ko kuba Urwanda rutaserukiwe mu Burundi ari ibisanzwe, kuko mu migenderanire n’ibindi ibihugu bishika hakaba ivyo batahurizako. Kubwa Edouard NDUWIMANA, nico gituma hariho ubushikiranji bw’imigenderanire n’ibindi bihugu kugira buze buratorera inyishu ibibazo vy’umubano vyokwibonekeza hagati y’ibihugu.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura arashima kuba igisagara arongoye catowe kugira cakire izo nkino. Avuga ko ari ikimenyetso ciza.

"Niyaba uno munsi dushobora kwakira abavuye mu Bufaransa no mu Bwongereza, ni uko hari icakoretse, kandi ko amahoro yabonetse.". Freddy MBONIMPA avuga kandi ko kuba ibikorwa bitandukanye bibandanya gutunganirizwa i Bujumbura atobura kuvyishimira nk’umuyobozi w’ico gisagara.

"Kera iyo umwami habaye uruzuba ku ntwaro yiwe, bavuga bati ku ntwaro ya naka harabaye ivyago nk’ibi. Ariko iyo ugize ikiganza c’Uhoraho bazovuga mu mateka bati igihe umushingamateka Freddy MBONIMPA yari arongoye igisagara, hariho ivyahindutse."

JPEG - 75.1 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Uburundi bwakiriye incuro y’umunani y’inkino zitiriwe umuvukano "Jeux de l’Amitié." Incuro y’indwi y’izo nkino yari yabereye mu gihugu c’Urwanda.

Izo nkino zatanguye gutegurwa mu mwaka w’2007.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.