IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu batatu bo mu muryango umwe bishwe

Bururi : Abantu batatu bo mu muryango umwe bishwe

jeudi 15 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batatu bo mu muryango umwe barishwe kuri uwu wa gatatu n’umuntu yabateye gerenade abasanze muhira iwabo muri kmine Mugamba, intara ya Bururi. Abo bishwe ni nyene urugo, umugore wiwe hamwe n’umwana w’imyaka ibiri.

Ubwo bwicanyi bwabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, abo bantu bose uko ari batatu bakaba baguye mu nzu yabo.

Mu giporisi co muri komine Mugamba bavuga ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo, ivyo mu giporisi bakabivuga kubera uwo mugabo yishwe ari kumwe n’umuryango wiwe yari asanzwe afise urubanza rw’amatati y’amatongo muri sentare.

Abajejwe umutekano mu ntara ya Bururi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.