IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bururi: Abanyagihugu baridoga ko bakubitwa n’akagwi k’abitwaje (...)

Bururi: Abanyagihugu baridoga ko bakubitwa n’akagwi k’abitwaje ibirwanisho

samedi 17 Munyonyo 2012

Muri zone Muhweza, komine Rutovu i Bururi haravugwa ikibazo c’umutekano muke, abanyagihugu ba zone Muhweza baridoga ko bakubitwa canke bakicwa n’akagwi k’abantu bitwaje ibirwanisho kataramenyekana kandi hariho abajejwe umutekano.

Ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi, umukenyezi yaravuye kw’isoko hanyuma atashe ageze ku mutumba Gikana-Rwamabuye ategerwa n’akagwi k’abantu bitwaje ibirwanisho baramwica.

Ku munsi wa mungu uheze naho, uwundi mukenyezi wo ku mutumba Musonganti muri iyo zone nyene ya Muhweza yategerewe n’ako kagwi nyene kitwaje ibirwanisho baramukubita ariko Imana irakinga ntiyapfa. Ubu uwo mukenyezi arwariye mu bitaro vyo muri komine Rutovu.

Abanyagihugu basaba ko abajejwe umutekano bokongerezwa kugira bacungere umutekano muri iyo zone. Uwurongoye igipolisi mu ntara ya Bururi aremera ko ubwo bugizi bwa nabi buhari akongerako ko amatohoza yamaze gutangura kugira abagize ako kagwi bamenyekane hanyuma bafatwe. Mbere abantu babiri bikekwa baramaze gufatwa, ubu bafungiwe mu gipolisi.

Musitanteri wa komine Rutovu avuga ko ubugizi bwa nabi buhari ari ubufatiye ku matati y’amatongo gusa. Asaba abanyagihugu gutekana kuko ababijejwe bamaze gufata mu minwe ico kibazo, abahamagarira kwitura abajejwe umutekano iyo babonye umuntu biketse hamwe rero no kwirarira.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.