Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Ikiziga c’umugore ataramenyekana catowe hafi y’uruzi (...)
Bururi : Ikiziga c’umugore ataramenyekana catowe hafi y’uruzi Jiji
dimanche 20 Myandagaro 2017, par
Ababonye ico kiziga c’uwo mugore bavuga ko vyaboneka ko yari yanizwe imbere y’uko ikiziga ciwe gitabwa aho hantu. Amaboko y’uwo mugore akaba yari abohewe mu mugongo.
Mu giporisi bavuga ko uwo yishwe ataramenyekana, ikiziga ciwe kikaba cabaye kirajanwa mu buruhukiro bw’ibitaro vya Bururi, mu kurindira ko hari abomenya uwo yishwe.
IGIHE
Messages
20 Myandagaro 2017, 12:33, par BUSURAHENDE
Iyo ari ibiziga bitoraguwe mu nzuzi, muca mwumva ababishe. Kenshi baba baboshe, babanje guhohoterwa. Nta n’imisi ibiri yari iheze hatowe ikindi kiziga i Gitega mu Ruvyironza. Ico gihe abicanyi bari barundanye i Gitega nyene ngo bariko barasenga.
20 Myandagaro 2017, 16:13, par Bisimwa Bora Bahati
wakati nkurunziza akingariki ku pouvoir watu wataenderea kufa tu
22 Myandagaro 2017, 07:59, par kigabo jean mariek
yamara batubwira ko amahoro mu burundi ari umusesekara, impunzi ngo ni zitahe, none abanyagihugu birirwa baragandagurwa izuba riva bagatabwa mu nzuzi.ewe nkurumbi ivyo biziga bize biguhumire wewe n’umuryango wawe,kandi wame wibuka ko ayo mabi yose akorwa mu burundi ari ku gatwe kawe.