IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Buyenzi : Umubabaro ni mwinshi ku bahora badandariza mu mazu yubatswe (...)

Buyenzi : Umubabaro ni mwinshi ku bahora badandariza mu mazu yubatswe mw’ibarabara

jeudi 9 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buheruka gufata ingingo y’uko amazu yose y’ubudandaji yubatswe mw’ibarabara muri zone ya Buyenzi abomorwa. Umubabaro ni mwinshi ku banyagihugu bahora bakorera muri ayo mazu.

Ikiringo catanzwe kizohera kuri uwu wa gatandatu, uwuzoba atarabomora akazu k’ubudandaji yakoreramwo kari mw’ibarabara, akazotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itanu.

Abakorera muri ayo mazu, babwiwe ko boja kurondera ibibanza mu masoko azwi n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, ivyo abo banyagihugu bemeza ko badashoboye kubera ikibazo c’imitahe badafise, hamwe n’amafaranga y’ukugura ivyo bibanza badafise.

N.E, ni umwe mu bahora badandaza ibiribwa kw’ibarabara rya 13 mu Buyenzi. Agira ati : "Simbona ico ngiye gukora. Nahora nteka imfungurwa, abakorera aha hafi yanje bakaza gufungura iwanje. Ubu ngiye kubaho gute ko ntagira ubushobozi bw’ukwugurura inzu y’uburiro mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura?"

N’abakora ubuzi buto buto aho mu Buyenzi bavuga ko bahora boroherwa n’ugufungura kuri make, kuko yari amazu y’uburiro abayabaye, bakavuga ko ubuzima bugiye kubagora, mu gihe bari basanzwe bahanzwe n’ubukene hamwe n’ukubura akazi.

Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko iyo ngingo ari iyo mu rukurikirane bw’umugambi w’ugusukura igisagara ca Bujumbura, aho amazu yose y’ubudandaji yubatswe mw’ibarabara azobomorwa.

Iyo ngingo yaheruka gushirwa mu ngiro no muri zone ya Bwiza, ahabomowe amazu atari make yubatswe mw’ibarabara, mu mbaho n’amabati.


IGIHE

Messages

  • Abanyabuyenzi baraduhora kuko twikundira Hussein Radjabu

  • Erega Numugambi Wareta Wogusukura Ibisagara Kandi Ntimushavure Hose Niko Bimeze Natwebwe Aho Duhereye Vyarashitse Barazibomoye Iryo Niterambere Ryokugwanya Umwanda

  • @Mututsimwiza
    "Abanyabuyenzi baraduhora kuko twikundira Hussein Radjabu"

    Reka kubeshera Rajabu, umutima wiwe ukubita werereza i Muyinga.
    Erega abaswahili ntibari mu Buyenzi honyene.

  • Barazibomoye i Ngozi mu myaka iheze, ariko ubu abanyengozi baranezerewe hasa neza cane mw’isoko. Birababaza ariko n’iterambere nta kundi

  • Ndifatikanije namwe mugiye kubomorerwa ahomwahora mukorera akababaro, ariko kubahabtunaho hitiriwe ibarabara hubakwa amazu ababikoze ubwenge sinzi iyibwaribwagiye kuko murazi kugira ibarabara ricibwe bitwara amaherameshi, none namwe mwubatse mwibarabara ndabagereranyanuko mwazibiye iterambere ryabeshi kubwinyunyu zabakeya.
    Ndabihanganishije kandi muntahure sukubanka.

  • None mwebwe ntabisagara murajamwo mubindi nihugu.hose nuko amabarara sisoko.nimube musobanukirwa

  • none bavuze kubahiriza ibarabara mucamuzana ivymadini nibindibidagamudandi isokosimwibarabara nimujekubaka mumasokonayibindivyo nimukurikize amategeko mwentimurihejuru yitegeko

  • Nukubahiriza Amategeko Yigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.