Accueil > Amakuru > u Burundi > Buyenzi : Umubabaro ni mwinshi ku bahora badandariza mu mazu yubatswe (...)
Buyenzi : Umubabaro ni mwinshi ku bahora badandariza mu mazu yubatswe mw’ibarabara
jeudi 9 Ntwarante 2017, par
Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buheruka gufata ingingo y’uko amazu yose y’ubudandaji yubatswe mw’ibarabara muri zone ya Buyenzi abomorwa. Umubabaro ni mwinshi ku banyagihugu bahora bakorera muri ayo mazu.
Ikiringo catanzwe kizohera kuri uwu wa gatandatu, uwuzoba atarabomora akazu k’ubudandaji yakoreramwo kari mw’ibarabara, akazotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itanu.
Abakorera muri ayo mazu, babwiwe ko boja kurondera ibibanza mu masoko azwi n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, ivyo abo banyagihugu bemeza ko badashoboye kubera ikibazo c’imitahe badafise, hamwe n’amafaranga y’ukugura ivyo bibanza badafise.
N.E, ni umwe mu bahora badandaza ibiribwa kw’ibarabara rya 13 mu Buyenzi. Agira ati : "Simbona ico ngiye gukora. Nahora nteka imfungurwa, abakorera aha hafi yanje bakaza gufungura iwanje. Ubu ngiye kubaho gute ko ntagira ubushobozi bw’ukwugurura inzu y’uburiro mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura?"
N’abakora ubuzi buto buto aho mu Buyenzi bavuga ko bahora boroherwa n’ugufungura kuri make, kuko yari amazu y’uburiro abayabaye, bakavuga ko ubuzima bugiye kubagora, mu gihe bari basanzwe bahanzwe n’ubukene hamwe n’ukubura akazi.
Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko iyo ngingo ari iyo mu rukurikirane bw’umugambi w’ugusukura igisagara ca Bujumbura, aho amazu yose y’ubudandaji yubatswe mw’ibarabara azobomorwa.
Iyo ngingo yaheruka gushirwa mu ngiro no muri zone ya Bwiza, ahabomowe amazu atari make yubatswe mw’ibarabara, mu mbaho n’amabati.
IGIHE
Messages
9 Ntwarante 2017, 15:17, par Mututsimwiza
Abanyabuyenzi baraduhora kuko twikundira Hussein Radjabu
9 Ntwarante 2017, 15:23
Erega Numugambi Wareta Wogusukura Ibisagara Kandi Ntimushavure Hose Niko Bimeze Natwebwe Aho Duhereye Vyarashitse Barazibomoye Iryo Niterambere Ryokugwanya Umwanda
9 Ntwarante 2017, 18:21, par Don’t worry
@Mututsimwiza
"Abanyabuyenzi baraduhora kuko twikundira Hussein Radjabu"
Reka kubeshera Rajabu, umutima wiwe ukubita werereza i Muyinga.
Erega abaswahili ntibari mu Buyenzi honyene.
9 Ntwarante 2017, 18:35, par FELIX MUHIRE
Barazibomoye i Ngozi mu myaka iheze, ariko ubu abanyengozi baranezerewe hasa neza cane mw’isoko. Birababaza ariko n’iterambere nta kundi
9 Ntwarante 2017, 18:59, par .
Ndifatikanije namwe mugiye kubomorerwa ahomwahora mukorera akababaro, ariko kubahabtunaho hitiriwe ibarabara hubakwa amazu ababikoze ubwenge sinzi iyibwaribwagiye kuko murazi kugira ibarabara ricibwe bitwara amaherameshi, none namwe mwubatse mwibarabara ndabagereranyanuko mwazibiye iterambere ryabeshi kubwinyunyu zabakeya.
Ndabihanganishije kandi muntahure sukubanka.
9 Ntwarante 2017, 22:52, par Frak
None mwebwe ntabisagara murajamwo mubindi nihugu.hose nuko amabarara sisoko.nimube musobanukirwa
10 Ntwarante 2017, 18:23
none bavuze kubahiriza ibarabara mucamuzana ivymadini nibindibidagamudandi isokosimwibarabara nimujekubaka mumasokonayibindivyo nimukurikize amategeko mwentimurihejuru yitegeko
13 Ntwarante 2017, 11:18, par NKUNZIMANA ARMEL
Nukubahiriza Amategeko Yigihugu.