IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CIDEP : Abanyafirika dukoreye hamwe vyoteza imbere umugabane (...)

CIDEP : Abanyafirika dukoreye hamwe vyoteza imbere umugabane wacu.

mercredi 26 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye uko abanyafirika bakira bakongera bagaha agaciro kubona bitwa abanyafirika(Panafricanisme),ikigo CIDEP catunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2017,Aimable NZOYISENGA umuyobozi wa (CIDEP :centre d’appui aux Initiatives locales de developpement et d’assistance aux personnes vulnerables) yavuze ko kwitwa umunyafirika ari agaciro.

Aimable NZOYISENGA aserukira CIDEP yavuze kandi ko afirika ifise ubutunzi bwofasha kugira twitunganirize ibikorwa vyoteza imbere ibihugu vyacu atamfashanyo zo hanze turinze gusaba,kandi abanyafrika bashize ivyiyumviro hamwe vyoteza imbere abanyafrika muri rusangi.

Aimable NZOYISENGA yavuze ati : “ Iyi nama yo guhanahana ivyiyumviro izotuma abitavye buguruka bashobore kubona ko hariho inzira nyinshi abantu bocamwo kugira bateze imbere Uburundi bwacu na afirika muri rusangi, kandi bamenye ko umugabane wacu ufise ubutunzi twoshobora gukoresha mu ngorane umugabane wacu uhura nazo.

Marie Venantie NAKEZA ari mu bitavye iyo nama amenyesha ko abanyafrika bafise ubutunzi, ariko ubwo butunzi budafasha kugira ibihugu vyacu bitere imbere, kandi ko ivyo abazungu bashobora gukora n’umunyafrika ashobora kubikora.

Marie Venantie NAKEZA yavuze ati : “ Turafise ubutunzi ariko ibihugu vyacu ntibiteye imbere n’ico gituma kino kigo kigerageza kwigisha ko ivyo dufise bishobora gutuma dutera imbere.

Muri iyo nama, ikigo CIDEP gihamagarira umunyafrika wese gutahura uwo ariwe, n’ubutunzi igihugu ciwe gifise kugira abikoreshe mu guteza imbere igihugu ciwe nk’umunyafirika w’umutima.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.