IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC: Uwukeneye abamenyeshamakuru niwe amenya igitigiri atumira

CNC: Uwukeneye abamenyeshamakuru niwe amenya igitigiri atumira

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Inyuma yaho abamenyeshamakuru bamwe bo mu binyamakuru vyigenga bankiwe gukurikirana ibirori vy’umunsi mukuru wo kwibuka aho abarundi bemeza ubumwe bw’abarundi, mu kigo kijejwe gukurikirana ibinyamakuru CNC bamenyesha ko uwatunganije ibirori afise uburenganzira bwo guhitamwo abamenyeshamakuru yipfuza ko bokurikirana ibirori.

Gabriel Bihumugani icegera c’umuyobozi wa CNC amenyesha ko mu gihe abateguye ibirori baba bateguye igitigiri c’abamenyeshamakuru,biragoye kurenza ico gitigiri kuko badaheza ngo baronka aho baja.

Kubwa Gabriel Bihumugani igikuru n’uko inkuru ivugwa,nayo mu gihe umumenyeshamakuru ataronse akaryo ko gushika ahabereye ibirori,arashobora gusaba ijambo ryashikirijwe umumenyeshamakuru yashoboye kuhashika.

Gabriel Bihumugani aremeza ariko ko umumenyeshamakuru afise uburenganzira bwo kuronka inkuru no gushikira uwumuha inkuru.

Mwomenya ko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma umwaka wa 2017,igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 26 iheze habaye amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi,abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bankiwe gushika ahabera ibirori,mu kibanza cubatswemwo icibutso c’ubumwe bw’abarundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.