IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNIDH : Abarenga 200 barajanywe mu bihugu vy’abarabu

CNIDH : Abarenga 200 barajanywe mu bihugu vy’abarabu

vendredi 9 février 2018

Kuri ico gitigiri c’abatwagwa mu bihugu vy’abarabu, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye CNIDH yamenyesheje ko, ico gitigiri gishobora kuba kirenga cane ku mvo z’uko hari benshi bagendayo ntibimenyekane.

Avuga ati : « Hari abashikayo bagahura n’ingorane nyinshi, bakakwa impapuro z’inzira zabo, bakugaranwa mu mazu gutyo ntivyorohe nuko tumenya ko bariyo nuko babayeho. »

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko igikorwa co kurwanya abatwarwa mu bihugu vyo hanze kigiye kwicarirwa mu bisata bitandukanye, ndetse no mu migenderanire n’ibindi bihugu.

Ku bijanye n’impunzi ziva mu gihugu kibanyi ca Kongo, uwurongoye CNIDH avuga ko umurwi arongoye urajwe ishinga n’ico kibazo, agasaba abarundi kubaba hafi nk’uko vyamye mu migenzo y’abarundi.

JPEG - 115.5 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH

Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko muri rusangi umurwi CNIDH arongoye ushimishwa n’uko agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu, bagashima uko igikorwa co gukwiragiza abigisha mu gihugu cagenze, bakongera bagashimishwa n’uko ibikorwa vyo gusigura ihinyanyurwa ry’ ibwirizwa nshingiro hamwe n’igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kuzoshikiriza aho bahagaze kw’ibwirizwa nshingiro rizotogwa mu kwezi kwa Rusama biriko birakorwa.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.