IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cankuzo : Amazu menshi n’imirima vyononywe n’urubura n’umuyaga

Cankuzo : Amazu menshi n’imirima vyononywe n’urubura n’umuyaga

mardi 9 janvier 2018

Amakuru ava aho mu Cankuzo amenyesha ko iyo mvura yatanguye kurwa nk’igihe c’isaha umunani, itaguye umwanya munini, ariko yatumye amazu yo mu makaritiye yo ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo nka Amsar, Ndava n’ahandi ariho ibintu vyononekaye cane.

Ayo makuru amenyesha ko amazu amwe yabomotse ayandi ibisakazo vyayo bigururwa n’umuyaga, mu gihe imirima y’ibigori n’ibiharage nayo yononekaye bivuye ku muyaga n’urwo rubura.

Abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo bavuga ko ubuzima butagiye kworoha, kuko uburaro bwononekaye n’ibiterwa bikononekara.

Basaba ababishoboye kubagarukirako, kugira barabe ko bokwiyungunganya ubuzima bugasubira kubandanya naho bitoroshe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.