IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Carama : Abanyagihugu basaba gutabarwa vyihuta

Carama : Abanyagihugu basaba gutabarwa vyihuta

lundi 23 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Umunyagihugu yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, aba mu Carama ya kabiri kw’ibarabara ryitwa Taba, yamenyesheje ko kubera iyo mvura yaguye bidakunda ko baguma bahaba kuko gushika n’ubu inzu zuzuye amazi kandi ata bikoresho bafise bikwiye vyo kuyakurayo.

Uwo munyagihugu yavuze ati : “Ibintu vyaratwawe, igiteye ubwoba n’ubu amazi aracari mu mazu kandi ata bikoresho dufise vyo kuyakurayo, n’akamoteri kamwe abaporisi bajejwe gutabara bazanye ntikabishobora ari kamwe.”

Uwo aba aho mu Carama ya kabiri yavuze kandi ko imisarani yabo yuzuye amazi adashobora gusohoka bibagora kugira baronke aho bituma canke aho kwihagarika mu gihe c’umwanda muto.

Uwo munyagihugu asaba ko abajejwe gutabara hamwe n’abo mw’ishirahamwe ERCON rikora ibikorwa vyo gusukura no kwagura imiserege itwara amazi muri ico gice, ko bokora ivyigwa bishimishije kugira bifashe gutorera inyishu ico kibazo.

Umwe mu baporisi bo mu gisata kijejwe gutabara no gukinga ibiza yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko imiserege yahora itwara amazi, ubu idakora kubera imyuzurira, ariyo yatumye ayo mazi atera iyo mihana kuko amazi, umusenyi hamwe n’ivu vyose vyabuze aho bimenera bica bija mu mazu y’abantu.

Uwo yari mu bari barungitswe gutabara yamenyesheje ko ico bagiye gukora ubu ari gukura amazi mu mazu y’abantu bongere bakorane n’abakozi bo mu muryango utabara imbabare kugira bakamye amazi ari mu misarani itandukanye hamwe no gupompa imiti.

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije buheruka gufata ingingo y’uguhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyose vy’ukwubaka muma karitiye ya Gahahe, Gatunguru hamwe na Carama. Ibikorwa bigiye kubandanya ni ivy’ukwubaka gusa ingoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi rwa Gasenyi, mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.

Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • igihe cose ata mifurege itwara amazi iri muma Q nkayo.ntakigenda.no muri Tanzani hari ama Q,iyo imvura iguye kubera hateze cane,amazi aherera mumazu,imyanda ya toilette nayo ukabasanga munzu,

  • Au fait,kubera ubukene,dupfa kwubaka gusa,atavyigwa vy,ubutaka vyakozwe,iyo wubatse,utabona iyo amazi azoja,nayo murugo ugasanga ntasohoka,nta canalisation publique,emwe carama ntaco banze,biteye ubwoba,harya naho kurima nibahebere imirima,nahandi ninzara nayo iri inyuma kweli.noneko bahamaze hoho tuzorya iki,ko amazu ataribwa.Reta nigire umugambi wo kwubaka baja hejuru,amagorofa maremare,nahandi barabikora.

  • Ivyabaye Kuriyomvura Birababaje Cane! Ariko Ntitwokwirengagizako Ivyo Biri Mubiranga Igihe Ciherezo. Turavye Ibiriko Biba Murikigihe Cacu,bidukuramazinda Ko Umusi W’umukama Uri Hafi Cane.(2timoteyo3:1)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.