IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Amakenga ni menshi ku banyagihugu begereye ahatabwa (...)

Cibitoke : Amakenga ni menshi ku banyagihugu begereye ahatabwa iyarara

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Userutse kw’ibarabara rya Kanyoni uvuye mu Ngagara ubona abana n’abakuze bariko batora ibintu bitandukanye muri ico kirundo c’umucafu, wegereye ico kibanza naho wakirwa n’umunuko uva muri uwo mucafu, abahaca bagenda n’amaguru bafata amazuru mu kwirinda uwo munuko, abari mu miduga yunguruza abantu nabo iyo ihagaze gato muri ico kibanza, nabo nyene bafata amazuru kugira uwo munuko ntubashikire.

Umwe mubo baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE yari aje gutaho umucafu avuga ko iyo micafu bayikura mu mihana yo mu Ngagara no mu Cibitoke, kuko ishirahamwe risanzwe rikura uwo mucafu mu mihana y’abantu haciye imisi itari mike ritaja gutora iyo micafu, ku buryo usanga yaragwiriye mu mpangu z’abantu, bigaca bituma bene ingo bikora kuri abo babisomba ku mutwe.

Pascasie Bashinganubusa twasanze ariko atora ibintu bitandukanye muri uwo mucafu yagize ati : “Amashirahamwe yatora umucafu mu mpangu yarahomvye nico gituma abantu bagenda kubitora mu mpangu bakaza kubita hano. Jewe hano ntoramwo amakara, iyo nsanzemwo n’indya zahatawe ndazirya.”

Bamwe mu bakora amapikipiki hafi y’ico kirundo c’umucafu bamenyesha ko umunuko uva muri uwo mucafu ubahereramwo, bakaba bafise amakenga n’ubwoba ko umusi n’umusi bashobora gufatwa n’ingwara.

Abanyagihugu begereye aho uwo mucafu utabwa basaba ko abajejwe intwaro bofasha kugira bawukureho, kuko ku bwabo nka hamwe borwara, vyobagora kwivuza kubera amikoro make basanze bafise.

Tubibutseko ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro "PARCEM" riheruka gutera akamo Reta kugira ikore ibishoboka ikibazo co gukura umucafu mu gisagara ca Bujumbura gitorerwe umuti.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.