Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mu gitero ca (...)
Cibitoke : Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mu gitero ca gerenade
mercredi 13 juin 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro ku rugo rwa GATESA Samuel, umwana umwe aca yitaba Imana uwo mwanya nyene.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abantu batanu bakomeretse baciye bajanwa ku bitaro vyo mu Cibitoke aho bariko baravurigwa muri iki gihe.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abantu batatu bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
15 juin 2018, 17:29, par Niyonambaza
Yoooo ! Uwitavye Imana Imwakiremubayo nahoabakomeretse nabo.Abaganga bakomezekubitaho canegoso