IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imishahara y’amezi atatu y’abasirikare b’Abarundi muri AMISOM igiye kuboneka (...)

Imishahara y’amezi atatu y’abasirikare b’Abarundi muri AMISOM igiye kuboneka vuba

vendredi 17 Ruhuhuma 2017

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya igiye kuboneka mu minsi ya vuba.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko imishahara y’amezi atatu yo mu mwaka wa 2016, igiye kuja mu kigega c’ibanki nkuru y’igihugu kugira ice irungikwa ku makonte y’umusirikare umwe umwe wese.

Kubwa Colonel Gaspard BARATUZA, hari kandi iyindi konte yamaze kwugururwa mw’ibanki imwe y’ubudandaji kugira izoshirweko imishahara yabo basirikare bahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Colonel Gaspard BARATUZA yabishikirije kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 igihe abasirikare 952 bari bahejeje gufata indege bagenda mu gihugu ca Somaliya mu gikorwa co kugarukana amahoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.