IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Deutsche Welle yasavye irekurwa rya Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i (...)

Deutsche Welle yasavye irekurwa rya Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira

lundi 22 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryasohowe na Deutsche Welle, insamirizi yo mu Budagi uwo mumenyeshamakuru akorera, bamenyesha ko Antediteste NIRAGIRA yafatiwe kw’ikambi y’impunzi y’i Kavimvira, muri Kivu y’amaja epfo, haraheze iminsi itanu.
Dirke Köpp, umuyobozi ajejwe Afrika, mu gisata c’igifaransa mu nsamirizi Deutsche Welle, avuga ko uwo mumenyeshamakuru ubu apfungiwe mu gasho k’i Uvira yagirizwa ko yinjiye muri ico gihugu gusuma urusaku (Espionnage), akaba yari yagiye kurondera amakuru y’ingene impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu zibayeho mu buzima butari bwiza.

Dirke Köpp avuga ko ico caha Antediteste NIRAGIRA yagirizwa kitagira ishingiro, agasaba ko yorekurwa agasubira mu muryango wiwe.

Iminsi itanu niyo iheze umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 98 ko
Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira abwiye umuryango wiwe ko agiye ku kazi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho yari agiye kuvugana n’impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Lusenda.

Umuryango w’uwo mumenyeshamakuru uvuga ko waherutse kuvugana nawe akiri ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ababwira ko agira yinjire ku butaka bw’ico gihugu. Kuva aho ntibasubiriye kuvugana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.