IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FP-CIRGL : Uburundi bwatanze uwuzokwitoza kuba umunyamabanga (...)

FP-CIRGL : Uburundi bwatanze uwuzokwitoza kuba umunyamabanga mukuru

lundi 4 décembre 2017

Nkuko biri mw’itangazo ry’Inama Nshingamateka y’Uburundi, umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA niwe yagiye arongoye intumwa zaserukiye Uburundi muri iyo nama isanzwe igira umunani.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, bamenyesha ko ibizokwigwa muri iyo nama ari kandi, kwihweza no guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’uko intwaro n’umutekano, hamwe no gutabara imbabare vyifashe mu karere k’ibiyaga binini,kwemeza ivyegereanyo vyakozwe inyuma y’ingendo zakozwe n’bashingamateka mu bihugu bigize akarere k’ibiyaga binini, hamwe no kwerekana no guhanahana ivyiyumviro k’uruhara rw’abashingamateka mu kurwanya igiturire.

Muri iyo nama kandi kazoba n’akaryo ko gushinga isango n’ikibanza bizoberamwo inama isanzwe igira 9 ihuza amanama Nshingamateka yo mu karere k’ibiyaga binini FP-CIRGL.

Umukuru w’Inama Nshingamateka akazoronka akaryo ko kubonana n’abazoba bitavye iyo nama, mu ntumbero yo kuganira ku bucuti n’ugufashanya hagati y’Inama Nshingamateka y’Uburundi n’zindi nama Nshingamateka zo mu karere k’ibiyaga binini.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.