IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Faustin NDIKUMANA: “Igwirirana ry’abantu riteye impungenge mu (...)

Faustin NDIKUMANA: “Igwirirana ry’abantu riteye impungenge mu gihugu.”

Wednesday 11 July 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru kuruno wa gatatu hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abantu,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko mu Burundi umurindi w’abantu wiyongera 3 kw’ijana ,ku kirometero kwadarato hakaba abantu 350,umugore umwe nawe akavyara abana 6 hamwe n’abana 1000 bavuka ku musi mu gihe ata poritike iriho ijejwe kuvyiga umunyagihugu azoguma mu buzima bubi naho igihugu cotera imbere.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko hakwiye kubaho poritike ibijejwe kugira yerekane ivyo abantu bokora nivyo boshikako mu gutorera ibibazo vyo gufungura nabi,gukura abantu mu bukene,gushikana uyangankuba ku bantu bose,ibibazo vy’indero hamwe n’ibibazo bijanye n’amagara y’abantu n’ibindi.

Kugira ikibazo c’igwirirana ry’abantu mu Burundi gitorerwe inyishu ,Faustin NDIKUMANA asaba ko hoshirwaho ikigo kijejwe gukora ubushakashatsi no kwerekana ivyokorwa kubijanye no kuduza ubutunzi hamwe no gushiraho igitabo cerekana imigambi ngenderwako.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Ahorero iryoniryojambo twita kwungurana ivyiyumviro, kukonkivyo uvuze uraterereye iciyumviro gikomeye nubwo vyishivyamaze kwirwa mberebiriko birashirwa mungiro ibindibuca bishirwa mungiro abitaribirimwo mwivyowavuze ndazikobazobikorerako reta yacu iyuntayibwizazanya ubwishime ikwumva % nkumwana asaba ibifungurwa umuvyeyi.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.