IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Faustin NDIKUMANA: “Umugambi wo kugwanya igiturire ntaco washitseko”

Faustin NDIKUMANA: “Umugambi wo kugwanya igiturire ntaco washitseko”

Monday 27 August 2018, by vianney

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA amenyeshako mu myaka 8 iheze umukuru w’igihugu ashikirije ko hagiye kuba ukutihanganira abarya igiturire hama inzego zijejwe kukigwanya hamwe n’itegeko rikigwanya bigashirwaho ataco vyahinduye.

Uyo arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko naho amategeko yisungwa n’ inzego zijejwe kugwanya igiturire yahinduwe mu ntumbero yo kukigwanya hamwe n’ivyashikirijwe mu nama rukokoma y’ubutungane kugira vyisungwe mu kugwanya igiturire vyose bisa nivya bitswe kuko atacahindutse mu bijanye n’igiturire.

Faustin NDIKUMANA avuga ko batabona ivyo kugwanya igiturire aho bigeze kuko nivyasabwe bijanye no kwerekana amatungo umuntu aba abafise na cane cane ku bategetsi vyari gukorwa vyabaye akamizwe n’ingoma.

Faustin NDIKUMANA asaba abarongoye igihugu guhindura ingendo kugira bumve ko kugwanya igiturire no kunyuruza amatungo ya reta ico gisigura mu ntumbero yo gufasha igihugu kigume gutera imbere.


IGIHE

Forum posts

  • Foustin avuzengo umugambi wokurwanya igiturire ntacowashitseko, ndashaka nanje ndamwibarize, nti: mbegamweho iryoshirahamwe ryanyu PRACEM kontarabona ahomwemanga ngomuvugeko mwashitse kwihangiro ryiryoshirahamwe ryishinze?

  • abakora kukibuga cindenge
    twosaba bose ko boza barabahindura
    Bararengeje mu kurya ibiturire

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.