IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Freddy MBONIMPA aragabisha abajejwe intwaro bakorana n’abadandaza imiti ya (...)

Freddy MBONIMPA aragabisha abajejwe intwaro bakorana n’abadandaza imiti ya magendu

vendredi 9 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo miti yataye igihe yadandazwa mu kinyegero, abayidandaza bakaba mbere barahindura amatari idategerezwa kurenza ikiri kw’isoko. Rimwe na rimwe, abadandaza iyo miti bahindura ahotekewe ibinini vya "Paracetamol" bagashirayo ivy’ingwara ya malaria (Quinine). Mwene iyo nzu yadandarizwamwo iyo miti yoba yaramenye ko abaporisi baje kumufata, bakaba basanze yamaze guhunga.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura aragabisha abajejwe intwaro boba bakorana n’abadandaza iyo miti ya magendu hamwe n’inzoga zitemewe n’amategeko. Ku bwiwe, ntivyumvikana ingene ibintu nk’ivyo vyokorerwa muri karitiye abajejwe intwaro batabizi.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko bwahagurukiye kurwanya urudandazwa rw’inzoga zitemewe n’amategeko, ubuhumbu, hamwe n’izindi ngeso mbi zose.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.